14 Umuntu ni yābīra umukobga na nyina, kizoba icaha gikomeye: az’ atabge mu muriro, ubgiwe na bo; kugira ngo ntihaze hagire icaha gikomeye kiba muri mwebge.
Ntihaze hagire uwambika ubusa umugore n’umukobga wiwe, canke ngo yābīre umwuzukuru wo ku muhungu w’uwo mugore, cank’ uwo ku mukobga wiwe, ngw amwambike ubusa: kukw ar’ abo mu nda yiwe; ico n’icaha gikomeye.
Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūryamana na inabukwe. Abantu bose bitabirize, bati Amen.
Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.
Maz’ ūzofatanwa ivyagizwe inyegu yanje azoturiranwa n’ivyiwe vyose, kuko yishe isezerano ryanje, jewe Uhoraho, agakora ikizira mu Bisirayeli.
Maze Yosuwa aravuga, ati N’iki catumye udutēza amagorwa? Nawe uyu musi Uhoraho aragutera amagorwa. Maz’ Abisirayeli bose bamutera amabuye; babicisha amabuye, barabaturira.
Kand’ umukobga w’umuherezi wese ni yiyononesha gusambana, azoba yambitse ibara se: az’ atabge mu muriro.