10 Umuntu ni yasambana n’ umugore w’uwundi, agasambana na muka mugenzi we, uwo musambanyi n’uwo musambanyikazi ntibaze babure kwicwa.
Kandi ntugasambane.
Ntihaze hagire ūsambana na muka mugenzi we, ngo yiyanduze kubgiwe.
Ntugasambane.
Maze Dawidi yishura Natani, ati Nacumuye k’Uhoraho. Natani aramwishura, ati Noneho Uhoraho yagukūyekw icaha cawe, ntugipfuye.
uwundi mugabo akaryamana na we, bikazīkwa, umugabo wiwe ntabimenye, uwo mugore akaba ahumanye, ntihaboneke ūmwagiriza, canke ngw afatwe akibikora;
Nya mugore asamye inda, atuma kuri Dawidi, ut’ Afise inda.
Kukw ico coba ar’ ishano ritavugwa, Mbere coba ar’ ikibi co guhanirwa mu bacamanza;
Nta wokoze ben’ ivyo, Mpwemu akiri muri we. Ūmufise bimumerera bite? Yifuza kugira uruvyaro ruzokwubaha Imana. Nuko rero mwirinde mu mitima yanyu, ntihagire ūryaruka umugore wiwe wo mu bucance.
Asangw’ umutima wanje warasutswe n’umugore, Nkabunda ku muryango w’ umubanyi wanje: