Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 2:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Kandi ni mwashikana ishikanwa ry’ivyokejwe mu ziko vyakozwe mw ifu, bize bibe udutsima tutambiwe twacumbge mw ifu igogōretse, twacumbanywe n’amavuta ya elayo, cank’ udutsima tutambiwe nyene, tubēhūye, twasutswekw amavuta ya elayo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 2:4
21 Referans Kwoze  

n’imitsima itambiwe, n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene tubēhūye, dusutswekw amavuta ya elayo, uyicumvye mw ifu y’ingano igogōretse.


Nsutswe nk’amazi, Amagufa yanje yose aradohotse, Umutima wanje umeze nk’ ishashara, Uyagiye hagati mu mara yanje.


We nta caha yakoze, kandi nta bugunge bgabonetse mu kanwa kiwe;


Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Umushaha wanje urahagaze: none mvuge iki? Ngire nti Data, n’unkize iki gihe? Yamara ni co canzanye ngo nshike mur’ iki gihe.


Uwo Imana yatumye, ni we avuga amajambo y’Imana, kukw idatanga Mpwemu ku ngero.


Arababgira, at’ Umutima wanje uri n’akabonge kagomba kunyica: ba muragumye aha, mubane maso nanje.


Nguyu umushumba wanje, uwo nama nshigikiye, uwo natoranije, ahimbara umutima wanje: nashize Mpwemu wanje kuri we; azoshikana amateka mu banyamahanga.


Mose abarira Aroni n’abana biwe basigaye, Eleyazari na Itamari, ati Ni mujane ivyasigaye kuri rya shikanwa ry’ifu ryo mu mashikanwa yashikaniwe Uhoraho agatōngōrwa n’umuriro, mubirīre i ruhande y’igicaniro bitarimw’ umwambiro: kukw ar’ ivyera cane.


Arambarira, at’ Aha ni ho abaherezi bazoteka ibimazi vy’impongano n’ibimazi bitangirwa ivyaha, kandi ni ho bazokaranga amashikanwa y’amafu; kugira ngo boye kubijana mu ntangaro, bakavyezesha abantu.


Mpwemu w’Umwami Uhoraho ari kuri jewe, kuk’ Uhoraho yandobanuje amavuta ngo mbgire abaciye bugufi ubutumwa bgiza; yantumye gutubika imitima imenetse, no kumenyesha abarindwa ko barekuwe, n’imbohe ko zugururiwe;


Ni yagitanga kubgo gukenguruka, ico kimazi co gukenguruka az’ agitangane n’udutsima tutambiwe twacumbanywe n’amavuta ya elayo, bo n’utundi dutsima tubēhūye, tutambiwe nyene, twasutswekw amavuta, n’utundi nyene twacumbanywe n’amavuta, twacumbge mw ifu igogōretse ivangishijwe amavuta ngw ihwane.


Ntibaze babicumbane n’umwambiro. Ndabibahaye, bibe umugabane wabo ku mashikanwa nshikanirwa atōngōrwa n’umuriro; n’ivyera cane, nk’ukw ikimazi gitangirwa ivyaha kimeze, bo n’ic’ impongano.


Az’ agikererere i ruhande y’igicaniro, ahahera i burārūko, imbere yanje; bene Aroni abaherezi bamijagire amaraso yaco ku gicaniro impande zose.


Ab’ inzu ya Isirayeli bita utwo tuntu manu: twasa n’utubuto tw’agati kitwa gadi, kandi twera de: twasōsa nk’udutsima turimw’ ubūki.


Barye inyama zawo mur’ iryo joro nyene, zitaze, bazikoze imitsima itambiwe n’imboga zirura.


n’indumane irimw’ imitsima itambiwe; udutsima twacumbge mw ifu igogōretse, twacumbanywe n’amavuta ya elayo, n’utundi dutsima tutambiwe nyene, tubēhūye, twasutswekw amavuta, bo n’amashikanwa bigendanye, iry’ ifu n’iry’ ibiturire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite