Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 2:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Kandi ni mwanshikanira ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu ivuye mu vy’umushuzo, rize ribe iry’ igihonde c’impeke mbisi, zivuye mu mishi ikigenywa, zikaranze.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 2:14
16 Referans Kwoze  

ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu nzobaha, mukimbura ivyimburo vyaho, muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo:


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye.


Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


at’ Ugere Abisirayeli, ubabarire, ut’ Ibimazi vyiwe, ari zo mfungurwa ashikanirwa zitōngōrwa n’umuriro, z’umubabge umumotera neza, uti Muze muhore muvyitondera, mubimushikanire mu bihe vyavyo vyashinzwe.


Maze haza umuntu avuye i Bayali‐shalisha, agemuriye uwo muntu w’Imana udutsima mirongwibiri twa sayiri y’umushuzo, n’isaho yuzuye imishi igiheza kugenywa. Maze Elisa aravuga, ati Ni mubihe abantu, babirye.


muze mwābīre ku vy’umushuzo vyo mu mirima yanyu, ivyo muzokwimburira mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye, umuntu wese abishire mu gisimbo, abijane ha hantu Uhoraho Imana yanyu azoba yātoranije ngw ahashire izina ryiwe ngo rihabe.


Umuherezi abizunguzanye na ya mitsima yo ku vyimburwa vy’umushuzo, bo na ba bana b’intama bompi, bibe ishikanwa rizungurijwe imbere yanje: bibe ivyera kuri jewe, bihabge umuherezi.


Kandi ni mwampa ikimazi co gukenguruka, mugitange uburyo butuma mwemerwa.


Igihe kiragera, Kayini azana ishikanwa ku vyeze mu ndimiro, ngw abishikanire Uhoraho.


Mugisukekw amavuta ya elayo, mukigerekeko n’imibavu: iryo rizoba ishikanwa ry’ivyakozwe mw ifu.


Umuherezi aheze akūre kuri ryo ikizoba icibutso caryo, acōse, ni co gace k’ico gihonde c’impeke, n’ak’ ayo mavuta yazo, bo n’iyo mibavu yazo yose; iryo rizoba ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro.


Kand’ ishikanwa ry’ ivyakozwe mw ifu ritanganwa na co rize ribe ibigiracumi bibiri vy’ingero y’ifu igogōretse, ivanze n’amavuta ya elayo; ribe ishikanwa nshikaniwe jewe Uhoraho ritōngōrwa n’umuriro, umubabge umota neza. Kand’ ishikanwa ry’ibiturire ritanganwa na co nyene rize ribe ikigirakane c’ingero yitwa hini ya vino.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite