Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 2:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ivyo mushobora kubinshikanira nk’ishikanwa ry’umushuzo, ariko ntibize bishirwe ku gicaniro kuba nk’umubabge umota neza.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 2:12
15 Referans Kwoze  

Ivy’ intangamarāra vyo mu vy’imishuzo yo mu mirima yanyu muze mwame mubizana mu ngoro yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’impene amata ya nyina.


Abo ni bo batandujwe n’icitwa umugore, kuko bābaye nk’inkumi. Abo ni bo bakurikira wa Mwagazi ah’ aja hose. Abo bācunguwe mu bantu, kugira ngo babe umushuzo ku Mana no kuri wa Mwagazi.


Nukw ico cagezwe kimaze gutāngāzwa, Abisirayeli bazana vyinshi cane vy’ umushuzo w’ingano na vino n’ amavuta ya elayo n’ubūki n’ ivyeze vyose vyo mu mirima; kandi n’ikigiracumi ca vyose babizana ari vyinshi cane.


Ati None nzanye ku vy’umushuzo vyo mu mirima wampaye, ewe Uhoraho. Ukw az’ abe ari kw abitereka imbere y’Uhoraho Imana yiwe, amusenge.


Ifu yanyu y’ umushuzo isewe iheretuwe muze muyicumbemw’ umutsima wo kuba ishikanwa mumugereye: nk’ uko muhēreza ishikanwa ry’ivyo ku mbuga, az’ abe ari ko murihēreza.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu nzobaha, mukimbura ivyimburo vyaho, muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo:


Iryo shikanwa ryiwe, n’ico kimazi ciwe c’ishimwe yatanze kubgo gukenguruka, az’ abitangane n’utundi dutsima twambiwe.


Ntimuze mutebagane kunshikanira ku vyo mwakikinyuye, ari ku vyo mwejeje, ari ku binyobga vyanyu. Imfura zanyu z’ abahungu muze muzimpe.


Nukw iryo tongo rya Efuroni ryar’ i Makipela, aharābana n’i Mamure, bo n’isenga yarimwo, n’ ibiti vyose vyari mur’ iryo tongo birizengutse impande zose, vyegukira Aburahamu


Ariko noneho Kristo yarazutse mu bapfuye, ni we yashurije abāsinziriye.


Kand’ umusi ukurikira amasabato ndwi muze muwugire mukuru, ari wo w’intangamarāra wo kugenya ingano, bo n’ umusi w’iyimbura rya vyose wo ku mpera y’umwaka.


Mu ngo zanyu muze mukūremw’ imitsima ibiri yo kuba ishikanwa ryo kuzunguzwa; ibe ivy’ ibigiracumi bibiri vy’ingero yitwa efa y’ifu; iyo fu ibe igogōretse, icumbanywe n’ umwambiro, ngw ibe ishikanwa ryo ku vyimburwa vy’umushuzo mpabga jewe Uhoraho.


Ku vy’ umushuzo vyose bazonzanira, jewe Uhoraho, ibirusha ibindi kuba vyiza, ari ku mavuta ya elayo, ari ku nzabibu, ari ku mpeke, ni wewe mbihaye.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite