Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:9 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

9 Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose kwimbura ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga twose iyo muriko murashwābūra.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:9
9 Referans Kwoze  

Kandi ni mwimbura ivyimburwa vyo mu gihugu canyu, ntimuze muherengeteze rwose gushwābūra ivyo ku mibari y’imirima yanyu, kandi ntimuze muhumbe uduhumbga tw’ivyo mwimbuye: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Avuye hasi guhūmba, Bowazi abarira imikangara yiwe, ati N’ ahūmbe no hagati y’imikama, ntimumukabukire.


Rusi wa Munyamowabukazi abarira Nawomi, ati Ndekura ngende mu bibuba mpūmbe uduhūmbga, nkurikire uwongirira ubuntu. Aramwishura, ati Genda, mukobga wanje.


ati Barira Abisirayeli, uti Ni mwashika mu gihugu nzobaha, mukimbura ivyimburo vyaho, muze mwame mushīra umuherezi umukama wo ku vyimburwa vyanyu vy’umushuzo:


Kandi ni hagira umuntu atazokwibabaza kur’ uwo musi, az’ acibge mu bgoko bgabo.


kand’ ūkiriyeko wese azogībgako n’ibigabitanyo vyiwe, kukw aba atukishije icera canje: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Maze Bowazi abgira Rusi, at’ Urumva, mukobga wanje? Ntuz’ ugire uwundi murima uzohūmbamwo, kandi ntuve hano, arik’ ugume hano hafi y’abigeme b’i wanje.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite