Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:36 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

36 Arikw iminzane y’ukuri, n’ibilo vy’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ ingero yitwa hini y’ukuri, bize bibe ari vyo mukoresha: ni jewe Uhoraho Imana yanyu, nabakūye mu gihugu ca Egiputa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:36
11 Referans Kwoze  

Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, Arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Ibilo bitangana n’ibigeresho bitangana Vyompi n’igisesema k’Uhoraho.


Nuko muze mwitondere amabgirizwa yanje yose, n’ivyagezwe vyanje vyose, mubishitse: ni jewe Uhoraho.


no gukora ivy’ imitsima y’ibiterekērwa, n’ivy’ amafu agogōretse yo gushikana kw ishikanwa ry’amafu, ar’ ishikanwa ry’udutsima tutambiwe, ar’ iry’ udukaranzwe, ar’ iry’ ifu ivangishijwe amavuta ya elayo, no kugeresha ingero, no kugeresha metero;


Mugire umunzane w’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ingero yitwa batu y’ ukuri.


Abafise umunzane ubesha, n’isaho irimw’ ibigeresho bihendana, mbega nobīta abatunganye?


Ndabaza, nti Mbega n’igiki? Arambarira, ati Kirya n’ingero yitwa efa ije. Kand’ at’ Ivyo ni vyo bigabitanyo vyabo mu gihugu cose.


Kukw ari jewe Uhoraho nabadūganye mbakūye mu gihugu ca Egiputa, ngo mbe Imana yanyu: nuko rero mube abera, kuko nanje nd’ uwera.


Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’ Uhoraho, Amabuye yose agera yo mw isaho n’igikorwa ciwe.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite