35 Ntimuze mugoreke imanza, mu gusuzuma ivyo kugeresha metero, cank’ ikilo, cank’ ingero.
Arikw amabuye ashitse, y’ukuri, az’ abe ari yo mugeresha; n’ingero zitwa efa zishitse, z’ ukuri, az’ abe ari zo mugeresha; kugira ngo muze murambire mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye.
Muri mwebge ntihaze hagire ūgira mw isaho yiwe amabuye ageresha ikilo kimwe, kand’ aciye ukubiri, rimwe ari rinini, irindi ari ritoya.
Kuko, uko muhinyura abandi, ari ko muzohinyurwa namwe; kand’ ingero mugeramwo muzoyigererwa namwe.
Enda ni mwumve ico Uhoraho avuga, ati Va hasi, ubūranire imbere y’imisozi, uturambi ni twumve ijwi ryawe.
Ibilo bitangana n’ibigeresho bitangana Vyompi n’igisesema k’Uhoraho.
Ibigeresho n’iminzane bishitse n’ivy’ Uhoraho, Amabuye yose agera yo mw isaho n’igikorwa ciwe.
Umunzane ubesha n’igisesema k’Uhoraho, Arikw ikilo c’ukuri kiramuhimbara.
Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.
no gukora ivy’ imitsima y’ibiterekērwa, n’ivy’ amafu agogōretse yo gushikana kw ishikanwa ry’amafu, ar’ ishikanwa ry’udutsima tutambiwe, ar’ iry’ udukaranzwe, ar’ iry’ ifu ivangishijwe amavuta ya elayo, no kugeresha ingero, no kugeresha metero;
Mugire umunzane w’ukuri, n’ingero yitwa efa y’ukuri, n’ingero yitwa batu y’ ukuri.