Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

34 Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:34
12 Referans Kwoze  

Nuko rero mukunde inyambukīra, kuko namwe mwar’ inyambukīra mu gihugu ca Egiputa.


Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.


Mwarumvise ko vyāvuzwe, ngo Mukunde bagenzi banyu, mwanke abansi banyu.


Umunyamahanga ntimuze mumugirire nabi, canke ngo mumuhahaze, kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa.


Kandi ni wajana natwe, ivyiza Uhoraho azotugirira vyose, nawe tuzobikugirira kuno.


Ntimuze mugirire akazīka Abanyedomu, kuko mur’ akara kamwe, kandi ntimugirire akazīka Abanyegiputa, kuko mwar’ inyambukīra mu gihugu cabo.


Uhoraho ni we azigama inyambukīra; Ashigikira impfuvyi n’umupfakazi; Arikw inzira y’abanyakibi arayigoreka.


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Abuzukuru babo bazovuka hanyuma bazoshobora kuja mw ikoraniro ry’Uhoraho.


Yicisha bugufi, arūnama ashika hasi, aramubaza, ati N’iki gitumye ungirira ubuntu, ukambabara, kandi nd’ umunyamahanga?


Kandi muze mukigaburishe ubupfindo ngo kibabere ishamvu, mwebge n’abanyamahanga baba muri mwebge, bakavyarira abana muri mwebge; muze mubaharūre nk’aho bavyawe n’Abisirayeli; bazotwara ishamvu hamwe namwe mu miryango y’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite