Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:32 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

32 Umuntu wese muri mwebge az’ avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe: ni jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:32
15 Referans Kwoze  

Ntuhambarire umutāma, arik’ umuhanūre nka so, n’abakiri bato n’imisore ubahanūre nka bene nyoko,


Abaganwa bāmanitswe babasungaje ukuboko kumwe: N’abatāma ntibābagirira udusoni.


Imvi ku mutwe n’igitsibo c’ icubahiro, Kiboneka mu nzira y’ubugororotsi.


Ubutōre bg’imisore ni bgo nkomezi zabo, Kand’ icubahiro c’abatāma n’imvi.


Nuko Elihu mwene Barakeli w’i Buzi aravuga, ati Jewe ndi muto, namwe murakuze cane: Ni co catumye nizitira, sinubahuke kubaserurira ico niyumvira.


Ariko Elihu yari yarīndiriye kuvugana na Yobu, kuko bāmuruta ubukuru.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


Muhe bose ivyo bakwiye: abahabga ikori mubahe ikori; ababuguza mubabugurire; abo gutinywa mubatinye; abo kwubahwa mububahe.


Abantu bazohahazanya, umuntu wese azohahazwa na mugenzi we, umuntu wese ahahazwe n’umubanyi wiwe: umusore azoshinyaguriza umutāma, n’inkēngērwa izoshinyaguriza umunyacubahiro.


Ntihaze hagire ūvuma igipfamatwi, canke ngo hagire ūshira imbere y’impumyi ikintu comutsitaza: ariko mugende mutinya jewe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Nuko Batisheba aragenda ashikīra umwami Salomo, kugira ngw avugire Adoniya. Umwami aca ahaguruka ngw amusanganire, aramwunamira; araheza asubira kuvyagira ku ntebe y’ubgami, avuga ko bazanira umugabekazi intebe; nuk’ umugabekazi yicara i buryo bgiwe.


Rakeli abgira se, ati Ntungirire umwikomo ko ntaguhagurukiye, nyakwubahwa, n’uke ndi mu mihango y’abagore. Nukw arasaka, ariko ntiyabona vya bigirwamana.


ariko jewe Uhoraho nabakūje mu gihugu ca Egiputa ububasha bganje bginshi n’ukuboko kubanguye, abe ari jewe mwubaha, abe ari jewe mwikubita imbere, abe ari jewe muha ibimazi;


Wumvire so yakuvyaye, Kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.


Yosefu abakūra hagati y’ amavi ya se, arunama akubita inkoro hasi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite