Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:30
16 Referans Kwoze  

Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.


Urinde ikirenge cawe iy’ uja mu ngoro y’Imana; kuko kwēgēra ngo wumve kuruta gutanga ibimazi kw’ibipfu, kuko batazi ko bakora ibizira.


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kand’ urusengero rw’Imana ruhūza rute n’ibigirwamana? Kuko twebge tur’ urusengero rw’Imana nzima: nk’ukw Imana yavuze, iti Nzogerēra muri bo, nzogendera muri bo, Mbe Imana yabo, na bo babe abantu banje.


Arababgira, ati Handitswe ngw Ingoro yanje izokwitwa inzu yo gusengeramwo, ariko mwebge mwayihinduye nk’isenga ry’abambuzi.


Ni we Mana iteye ubgoba bginshi mw ikoraniro ry’ abera, N’iyo gutinywa kurusha abayikikije bose.


Uhoraho abarira Mose, ati Barira Aroni mukurwawe, yoye kwama yinjira, igihe yigombeye cose, ngw aje Ahēra, hirya ya ca gihuzu gikinze, imbere ya wa mutemere wo guhongerako urumitse kuri ya sandugu hejuru, kugira ngo ntapfe; kuko nzoserukira kur’ uwo mutemere wo guhongerako ndi muri ca gicu.


Wibuke kuziririza umusi w’ isabato.


Kukw igihe gishitse c’uk’ urubanza rutangurira mu b’inzu y’Imana: none ko rutanguriye kuri twebge, iherezo ry’abatumvira ubutumwa bgiza bg’Imana rizomera rite?


Mbere n’abaherezi bakuru‐bakuru bose bo n’abantu bāgize ivy’ ubuhemu bginshi, bakaja mu vy’ibizira vyose vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, bakanduza ingoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho ubgiwe yari yarejeje i Yerusalemu.


Ca gishushanyo c’ikigirwamana yabāje agishinga mu ngoro y’Imana, ari yo ngoro Imana yari yarabariye Dawidi na Salomo umuhungu wiwe, iti Mur’ iyi ngoro, bo n’i Yerusalemu, ni ho natoranije mu miryango yose y’Abisirayeli ko nzohashira izina ryanje ngo rihabe ibihe vyose.


Uko ni ko muzotandukanya Abisirayeli n’ubuhumane bgabo, kugira ngo boye gupfa bahōwe ubuhumane bgabo bgo kwanduza ihema ryanje riri hagati muri bo.


Mose abarira Aroni, at’ Ivyo ni vyo Uhoraho yavuze, ng’ Ukwera kwiwe kuzogaragarira mu bamwegera, kandi ngw Azoherwa icubahiro imbere y’abantu bose. Aroni arūmirwa.


mwice mutikize umutāma n’umusore n’ umwigeme n’abana bato n’ abagore: ariko ntihagire umuntu n’umwe mwēgēra mu barikw ico kimenyetso; kandi muhēre ku rusengero rwanje rwera. Baca bahēra kuri ba bakuru bār’ imbere y’ingoro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite