Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:3
31 Referans Kwoze  

Wubahe so na nyoko, kugira ng’urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha.


Wibuke kuziririza umusi w’ isabato.


Kandi twari dufise ba data b’imibiri, bāradukāngīra, natwe tukabubaha: none ntituzorushiriza cane kugororokera Se w’impwemu tugahoraho?


Ijisho ry’ūcokora se, Kwumvira nyina akabikēngēra, Ibikōna vyo mu mwonga bizorinogora, Ibinyakabaka bizorirya.


Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.


Ni wakūra ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, arik’ ukita isabato umusi w’umunezero, mber’ umusi wanje wera ukawita uw’ icubahiro, ukawubaha, ntukore ivyo ugomba ubgawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa,


Har’ urunganwe rw’abantu batuka ba se, Ntibahezagire ba nyina.


Wumvire so yakuvyaye, Kandi ntugakēngēre nyoko ashitse mu butāmakazi.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūkēngēra se canke nyina. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Ūvumye se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Ūkubise se canke nyina, ntaz’ abure kwicwa.


Rāba, jewe Uhoraho ko nabahaye isabato, ni co catumye mbaha ivyo kurya vy’imisi ibiri ku wa gatandatu. Umuntu wese n’agume ah’ ari, ntihagire umuntu ayegayega ku musi ugira indwi.


Umwana arubaha se, n’umushumba akubaha shebuja; non’ asangwa ndi So, kunyubaha kwanyu kuri hehe? Cank’ asangwa ndi Shobuja, igitinyiro canje kiri hehe ga yemwe baherezi bakēngēra izina ryanje? ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo ababaza. Yamara muravuga, mut’ Izina ryawe twarikēngereye dute?


Ikigeretseko, mbaha n’amasabato yanje, ngw abe ikimenyetso hagati yanje na bo, kugira ngo bamenye yukw ari jewe Uhoraho mbeza.


Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.


Mwana wanje, umva inyigisho ya so, Kandi ntute ibgirizwa rya nyoko:


Muze mwitondere amasabato yanje, mwubahe Ahēra hanje: ni jewe Uhoraho.


mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’ isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose.


Wubahe so na nyoko, nk’ uko jewe Uhoraho Imana yawe nabikugeze, kugira ng’ urambire mu gihugu jewe Uhoraho Imana yawe nzoguha, uhamererwe neza.


Yosefu abakūra hagati y’ amavi ya se, arunama akubita inkoro hasi.


Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze muhindukirire abahamagara imizimu cank’ abamenyi: ntimuze muje kubabaza, bagahava babahumanya: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Wabamenyesheje isabato yawe yera, ubashirirah’ amabgirizwa n’ivyashinzwe n’ ivyagezwe, ubitumye umusavyi wawe Mose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite