29 Ntihaze hagire uwononesha umukobga wiwe kumutanga kuba maraya, kugira ngw igihugu coye kwisuka mu busambanyi, kikuzura ubushakanyi.
Ntimuzi yukw imibiri yanyu ar’ ingingo za Kristo? None ntore ingingo za Kristo, ndazihindure ingingo z’umusambanyikazi? Biragahera.
Ntihaze hagire uwābira maraya muri bo, cank’ uwamaze kwononekara, kandi ntihagire uwābīra uwirukanywe n’umugabo wiwe: kuk’ umuherezi ar’ uwera kuri jewe, Imana yiwe.
Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’ ūpfuye; kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho.
Kand’ umukobga w’umuherezi wese ni yiyononesha gusambana, azoba yambitse ibara se: az’ atabge mu muriro.
baze bamusohokane, bamujane ku muryango w’inzu ya se, abagabo bo mur’ ico gisagara cabo bamwicishe amabuye, kuko yakoze ikizira mu Bisirayeli, agasambanira kwa se: ukw az’ abe ari ko mukūra ikibi hagati muri mwebge.