Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:28 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

28 Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’ ūpfuye; kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:28
18 Referans Kwoze  

Mwebge mur’ abana b’ Uhoraho Imana yanyu: ntimukikebagure ku mibiri yanyu, canke ngo mwiharanguze ibimwerere mu bitwariro kubg’ ūpfuye.


Nuko barashimika bashira amajwi hejuru, bikebagurisha intambi n’amacumu, nk’ uk’ umugenzo wabo war’ uri: amaraso aravirirana.


Abaherezi ntibaze bimoshe inkomvorera, canke ngo bacācūre imitwe y’ubganwa bgabo, canke ngo bikebagure ku mibiri.


Abakuru n’abato bazopfira mur’ iki gihugu: ntibazohambga, kand’ abantu ntibazobaborogera, canke ngo bikebagure, canke ngo babīmwēre ibimwerere:


Uhoraho abarira Mose, ati Barira abaherezi bene Aroni, uti Ntihaze hagire umuherezi yiyandurisha ūpfuye wo mu bgoko bgabo;


Maz’ imisi yose ku murango no mw ijoro yama mur’ ayo masenga no ku misozi, ataka, yikebesha amabuye.


Kukw imitwe yabo yose imowe inkomvorera, n’ ubganwa bgose bumowe; ku maboko yose har’ ibikebagure, no mu rukenyerero hose hakenyeye amagunira.


Mbona intebe z’ubgami, mbona abicara kuri zo, bahabga ubucamanza. Kandi mbona ubugingo bg’abaciwe amazosi, babahōra gushingira intahe Yesu, n’ijambo ry’Imana, ni bo batāsenze ca gikōko cank’ igishushanyo caco, kandi ntibemeye gushirwa ikimenyetso caco mu ruhanga canke ku kiganza. Baba bazima, bafatanya na Kristo kuganza imyaka igihumbi.


Ico gikōko gifatwa mpiri, bo na wa muvugishwa w’ibinyoma, yakorera vya bimenyetso mu maso yaco, akabizimirisha abemeye gushirwakw ikimenyetso ca ca gikōko n’abasenga igishushanyo caco. Vyompi bitererwa bibona mu kiyaga caka umuriro n’amazuku.


Uwa mbere aragenda, asuka urwavya rwiwe kw isi, abantu bafise ikimenyetso ca ca gikōko, bagasenga igishushanyo caco, bafatwa n’ibisebe bikomeye bibi.


Mbona igisa n’ikiyaga c’ibirahuri kivanze n’umuriro; mbona abatabarutse banesheje ca gikōko n’igishushanyo caco n’igitigiri c’izina ryaco, bahagaze kur’ ico kiyaga c’ibirahuri, bafise inanga z’Imana.


Umwotsi wo kubabazwa kwabo upfunduka ibihe bitazoshira, kandi ntibaruhuka ku murango no mw ijoro, abasenze ca gikōko n’igishushanyo caco, umuntu wese yemeye gushirwakw ikimenyetso c’izina ryaco.


Umumarayika wundi wa gatatu akurikirirako, avuga n’ijwi rirenga, ati Ni hagira umuntu asenga ca gikōko n’igishushanyo caco, akemera gushirwakw ikimenyetso mu ruhanga canke ku kiganza,


Abandi bigishwa baramubgira, bati Twabonye Umwami. Na we arabishura, ati Ni ntabona inkovu z’imambo mu biganza vyiwe, ngo nkoze urutoke rwanje mu nkovu z’imambo, ngo nshire urushi mu rubavu rwiwe, sinemera.


Ntimuze mukebēre umushatsi wo mu misaya, canke ngo mucācūre imitwe y’ubganwa bganyu.


Ntihaze hagire uwononesha umukobga wiwe kumutanga kuba maraya, kugira ngw igihugu coye kwisuka mu busambanyi, kikuzura ubushakanyi.


ntaze yinjirire ku muvyimba n’umwe, canke ngw awiyandurishe, n’iyo woba uwa se cank’ uwa nyina;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite