27 Ntimuze mukebēre umushatsi wo mu misaya, canke ngo mucācūre imitwe y’ubganwa bganyu.
Mwebge mur’ abana b’ Uhoraho Imana yanyu: ntimukikebagure ku mibiri yanyu, canke ngo mwiharanguze ibimwerere mu bitwariro kubg’ ūpfuye.
Abaherezi ntibaze bimoshe inkomvorera, canke ngo bacācūre imitwe y’ubganwa bgabo, canke ngo bikebagure ku mibiri.
Kandi ntibakimoshe inkomvorera, canke ngo batereke umushatsi muremure, baze bīkatishe gusa.
Kukw imitwe yabo yose imowe inkomvorera, n’ ubganwa bgose bumowe; ku maboko yose har’ ibikebagure, no mu rukenyerero hose hakenyeye amagunira.
Abakuru n’abato bazopfira mur’ iki gihugu: ntibazohambga, kand’ abantu ntibazobaborogera, canke ngo bikebagure, canke ngo babīmwēre ibimwerere:
Umukobga w’i Diboni aradūze, aja mu bitabo kuririrayo; Abanyamowabu bariko baraborogera i Nebo n’i Medeba: imitwe yabo yose imowe inkomvorera, bo n’ubganwa bgose.
Kandi bazokenyera amagunira, ubgoba bubatwikire, kandi mu maso ha bose hazogira ibitētērwa, no ku mitwe ya bose hazoba inkomvorera.
Ntimuze mwikebagure ku mibiri kubg’ ūpfuye; kandi ntimuze mwicishe imanzi n’imwe: ni jewe Uhoraho.
haza bamwe bavuye i Shekemu n’i Shilo n’i Samariya, abagabo mirongumunani, bāri bimosheje ubganwa bgabo inkomvorera, bitantamuriyekw impuzu zabo, bikebaguye ku mibiri, bazanye amashikanwa n’imibavu mu minwe, ngo babizane mu ngoro y’ Uhoraho.
Nuko Hanuni afata abo bantu ba Dawidi, abamwa ubganwa, akeba impuzu zabo ahereye hagati ku kibuno, araheza arabarungika.
Eh’ imisi igira ize, ni k’Uhoraho agize, ngo mpane abākebge ariko batākebge nyakuri;