25 Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Ariko mu mwaka ugira kane, ivyamye kuri vyo vyose bizoba ivyera vyo kunshimisha, jewe Uhoraho.
Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze.
Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Kandi ntimuze mugire umutsima w’iyo fu murya, cank’ impeke muhekenya, ar’ izikaranze canke mbisi, uwo musi utarashika, ngo muzane iryo shikanwa ryanje Imana yanyu: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava mu ngo zanyu zose, no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.