Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:25
13 Referans Kwoze  

Ariko mu mwaka ugira kane, ivyamye kuri vyo vyose bizoba ivyera vyo kunshimisha, jewe Uhoraho.


Ntimuze mugire ikintu murya kikirimw’ amaraso yaco: ntimuze mutere amabara, canke ngo mupfumuze.


Umuntu wese muri mwebge aze yubahe nyina na se, kandi muze mwitondere amasabato yanje: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze muhindukirire ibigirwamana, canke ngo mwironderere ibigirwamana mu bivugutiwe mu nkero: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Kandi ntimuze mugire umutsima w’iyo fu murya, cank’ impeke muhekenya, ar’ izikaranze canke mbisi, uwo musi utarashika, ngo muzane iryo shikanwa ryanje Imana yanyu: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava mu ngo zanyu zose, no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite