24 Ariko mu mwaka ugira kane, ivyamye kuri vyo vyose bizoba ivyera vyo kunshimisha, jewe Uhoraho.
Wubahishe Uhoraho ibintu vyawe, Bo n’umushuzo w’ivyeze vyawe vyose.
Kandi muze muhore mubaha ku vy’umushuzo, ku mpeke zanyu no kuri vino yanyu no ku mavuta yanyu ya elayo, n’ubgoya bg’ītanguye gukemurwa mu ntama zanyu.
Kandi ni mwinjira ca gihugu, mugatera ibiti vy’ubgoko bgose vyama ibiribga, muze mubanze mwite ivyamye kuri vyo nk’ibizira; bize bimare imyaka itatu kuri mwebge ar’ ibizira; ntibize birībgeko.
Maze mu mwaka ugira gatanu abe ari ho mutangura kurya ku vyamye kuri vyo, kugira ngo birushirize kubāmira: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.