Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:23 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

23 Kandi ni mwinjira ca gihugu, mugatera ibiti vy’ubgoko bgose vyama ibiribga, muze mubanze mwite ivyamye kuri vyo nk’ibizira; bize bimare imyaka itatu kuri mwebge ar’ ibizira; ntibize birībgeko.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:23
12 Referans Kwoze  

Yemwe abatagonda izosi, mwa ntakebga mu mitima no mu matwi, na ntaryo murwanya Mpwemu Yera. Uko ba sogokuruza banyu bākora, ni ko namwe mukora.


at’ Ishuri ni yavuka, cank’ umwagazi w’intama canke w’impene, iz’ imarane na nyina imisi ndwi; uhereye umusi ugira umunani yoshobora kwemerwa kuba ikimazi nshikanirwa jewe Uhoraho, gitōngōrwa n’umuriro.


Nobarira nde ngw ambere icabona, kugira ngo bumve? Ereg’ amatwi yabo arazivye, ntibashobora kwumva: ijambo ry’Uhoraho ryahindutse agatukisha kuri bo; ntibakirinezererwa.


ati Ni mwamara gushika mu gihugu c’i Kanani, ico mbahaye kuba ishamvu yanyu, ngatera inzu yo mu gihugu c’ ishamvu yanyu indwara yo mu buryo bg’imibembe;


Ku musi ugira umunani uwo mwana az’ akebge.


Mose arishura ar’ imbere y’ Uhoraho, ati Rāba, Abisirayeli ntibanyumviye, none Farawo yonyumvira ate, kand’ iminwa yanje ihumanye?


Ariko Mose yishura ar’ imbere y’Uhoraho, ati Rāba, iminwa yanje imeze nk’umubiri utākebge: none Farawo yonyumvira ate?


Umuherezi aheze amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano c’icaha ciwe yakoze, ayitangire imbere yanje; na we azoharirwa ico caha yakoze.


Ariko mu mwaka ugira kane, ivyamye kuri vyo vyose bizoba ivyera vyo kunshimisha, jewe Uhoraho.


Kandi ntimuze mugire umutsima w’iyo fu murya, cank’ impeke muhekenya, ar’ izikaranze canke mbisi, uwo musi utarashika, ngo muzane iryo shikanwa ryanje Imana yanyu: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’intahava mu ngo zanyu zose, no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite