22 Umuherezi aheze amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano c’icaha ciwe yakoze, ayitangire imbere yanje; na we azoharirwa ico caha yakoze.
Ibinure vyaco vyose avyosereze ku gicaniro, nk’uko bōsa ibinure vy’ikimazi c’ishimwe. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe, na we azoharirwa.
Ukw az’ abe ari kw agira iyo masa: nk’uko yagize ya masa yindi y’ikimazi gitangirwa ivyaha, az’ abe ari kw agira n’iyo. Nuk’ umuherezi azoba abahongeye, na bo bazoharirwa.
Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.
Uwo mugabo azane ikimazi ciwe c’impongano, akinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro; ico kimazi kibe impfizi y’intama.
Kandi ni mwinjira ca gihugu, mugatera ibiti vy’ubgoko bgose vyama ibiribga, muze mubanze mwite ivyamye kuri vyo nk’ibizira; bize bimare imyaka itatu kuri mwebge ar’ ibizira; ntibize birībgeko.
Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ ikimazi c’ishimwe: uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, bibe umubabge ummotera neza. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye, na we azoharirwa.
Ibinure vyaco vyose az’ abikūre, nk’uko bakūra ivy’ umwana w’intama w’ikimazi c’ ishimwe; uwo muherezi aheze avyosereze ku gicaniro, abigeretse ku bimazi nshikaniwe jewe Uhoraho, bigatōngōrwa n’umuriro. Nuk’ umuherezi azoba amuhongeye kur’ ico caha ciwe yakoze, na we azoharirwa.