Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Uwo mugabo azane ikimazi ciwe c’impongano, akinzanire ku muryango w’ihema ry’ibonaniro; ico kimazi kibe impfizi y’intama.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:21
6 Referans Kwoze  

ati Ni hagira umuntu ampomvya ku bintu vyera ngerewe, agakora icaha kitar’ ic’ ibigirankana; az’ anzanire ikimazi ciwe c’impongano c’impfizi y’intama itagira agasembga, ikūwe mu mukuku, iz’ ibe iyimaze igiciro uzocira, ca shekeli z’ifeza zagezwe kuri shekeli ir’ ahēra, ibe ikimazi c’impongano.


Kandi ni yaba atoshobora kuronka umwana w’intama, anzanire ikimazi ciwe c’impongano y’icaha yakoze, c’intunguru zibiri cank’ ivyana vy’inuma bibiri: kimwe kize kibe ikimazi co gutangirwa ivyaha, ikindi kibe ikimazi co kwoswa.


Uhoraho abarira Mose,


Umuherezi aheze amuhongere iyo mpfizi y’intama y’ikimazi c’impongano c’icaha ciwe yakoze, ayitangire imbere yanje; na we azoharirwa ico caha yakoze.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite