20 Umuntu ni yasambana n’ umuguranokazi ataribgacungurwe ngw aronke umwidegemvyo, kandi yar’ asabge n’uwundi; baze bahanwe, ariko ntibaze babice, kuk’ uwo atari n’umwidegemvyo.
Kuko vyanditswe yuko Aburahamu yar’ afise abahungu babiri, umwe ar’ uwo ku ncoreke, uwundi ar’ uwo ku mugore bgite.