Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Barira ikoraniro ry’Abisirayeli ryose, uti Mube abera, kuk’ Uhoraho Imana yanyu na we ar’ uwera.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:2
20 Referans Kwoze  

Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Mwebge ni mube agahore, nk’uko So wo mw ijuru ar’ agahore.


Kandi muze mumbere abera, kuko jewe Uhoraho nd’ uwera, kandi nabatandukanije n’ayandi mahanga ngo mube abanje.


kandi muzomubera ubgami, ubgoko bg’abaherezi, ihanga ryera. Ayo majambo abe ari yo ubgira Abisirayeli.


Ni co gituma mukwiye kumwita uwera, kukw ari we ampēreza imfungurwa, jewe Imana yanyu: az’ ababere uwera, kuko jewe Uhoraho, mbeza, nd’ uwera.


Nuko bakundwa, ko dufise ivyo vyasezeranywe, twiyuhagire ubuhumane bgose bg’umubiri n’ubg’ umutima, kuba abera tugushikishe kwubaha Imana.


Mbega babiri bojana bataraganye?


nk’uko yadutoranirije muri we, itanguriro ry’isi ritarashirwaho, kugira ngo tube abera tutagira agasembga imbere yayo, turi mu rukundo.


Muzoba abantu b’abagabo nirobanuriye; kandi ntimuze murye ku nyama z’ikirangara kiri mu gahinga, iz’ ari zo zose, ariko muze muziterere imbga.


Uhoraho abarira Mose,


Ariko Yosuwa abarira abantu, ati Ntimuzobishobora kugendanira Uhoraho, kukw ar’ Imana yera kand’ ar’ Imana ifūha; ntizoharira ibicumuro vyanyu cank’ ivyaha vyanyu.


Nta wera nk’Uhoraho, Kukw ata yindi mana, atari we: Kandi nta gitandara kimeze nk’Imana yacu.


Ni batazire izina ryiwe rihambaye riteye ubgoba: Ni we yera.


kugira ngo ntaz’ atume uruvyaro rwiwe ruhinduka uruhumanye mu bgoko bgabo: kukw ari jewe Uhoraho ndamweza.


Mugabo ntaze yēgēre ca gihuzu gikingīra Ahēra cane, canke ngo yēgēre igicaniro, kukw azoba afise agasembga, kugira ngo yoye guhumanya ahēra hanje ah’ ari ho hose: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Ni co gituma mukwiye kwumvira Uhoraho Imana yanyu, mukitondera ivyagezwe vyiwe n’amabgirizwa yiwe, ivyo mbagera uyu musi.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite