Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:19 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

19 Muze mwitondere ivyagezwe vyanje. Ntihaze hagire ūbangurira ivy’ atunze ivyo bidahwanije ubgoko; canke ngo hagire ūsukiranya imbuto z’imiryango ibiri mu ndimiro yiwe; canke ngo hagire uwambara impuzu ijishwe mu nyuzi z’ubgoko bubiri.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:19
18 Referans Kwoze  

Nukw abo basuku ba Abusalomu bagira Amunoni nk’uko Abusalomu yababariye. Maz’ abana b’umwami bose baca barabatagurika, umuntu wese asimbira ku nyumbu yiwe, barahunga.


Maze Abusalomu ahubirana n’ abantu ba Dawidi, kandi yari ku nyumbu yiwe; maz’ iyo nyumbu imucāna musi y’igiti c’umweloni c’inganzamarumpu c’amashami y’ inzitane, umutwe wiwe ufatwa n’ ayo mashami, asigara yenena mu kirēre; inyumbu yagenderako na yo irakomeza iragenda.


Amafarasi yabo yar’ amajana ndwi na mirongwitatu n’atandatu; n’inyumbu zabo zar’ amajana abiri na mirongwine na zitanu;


Umwami arababarira, ati Ni mujane ingabo zanje, kandi mushire umwana wanje Salomo ku nyumbu yanje bgite, ayigendereko, mumumanukane i Gihoni;


Ariko ni vyaba bivuye ku buntu, ntibikiva ku bikorwa: namb’ atari ko biri, ubuntu si bgo buntu.


Kand’ aba ni bo bene Sibeyoni: Aya na Ana: Ana uwo ni we yahūmutse ku mbizi y’amashuha mu bugaragwa, aragiye indogoba za se Sibeyoni.


Ut’ Ivyagezwe vyiwe az’ abe ari vyo mwumvira, n’amabgirizwa yiwe az’ abe ari yo mwitondera, mubigenderemwo: uti Ni we Uhoraho Imana yanyu.


Nuko muze mwitondere amabgirizwa yanje yose, n’ivyagezwe vyanje vyose, mubishitse: ni jewe Uhoraho.


Kandi muze mwitondere amabgirizwa yanje, muyashitse: jewe Uhoraho ni jewe mbeza.


Nuko muze mwitondere ivyagezwe vyanje, mubishitse: ni jewe Uhoraho.


Ni co gituma mukwiye kwumvira amabgirizwa yanje, no kwitondera ivyagezwe vyanje, mukavyumvira; ni ho muzoba mu gihugu amahoro.


None rero, yemwe Bisirayeli, ni mwumvirize amabgirizwa n’ amatēka ashinzwe mbigisha, muvyitondere; kugira ngo mubone kubaho, mwinjire igihugu Uhoraho Imana ya ba sogokuruza yabahaye, mucegukire.


Rāba ndabigishije amabgirizwa n’amatēka ashinzwe, nk’uk’ Uhoraho Imana yanje yangeze, kugira ngw abe ari ko muzogenza mu gihugu mugiye kwinjira ngo mucegukire.


Kand’ abacira umugani, ati Nta wotabura ikiremo ku mpuzu nsha, ngw acomeke ku mpuzu y’umushire: uwogira artyo yoba atabuye nsha, kand’ ikiremo atabuye kuri nsha nticomatana n’iy’ umushire.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite