18 Ntihaze hagire uwihōra, cank’ ūbīkira inzigo abo mu bgoko bgabo; ariko mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda: ni jewe Uhoraho.
Kukw ibi, ngo Ntugasambane, ntukice, ntukibe, ntukifuze, n’ikindi cagezwe cose, bipoperanirijwe mur’ iri jambo, ng’ Ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.
Kukw ivyagezwe vyose bihūrira mur’ iri jambo, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda.
Mugabo namba mushitsa icagezwe c’i bgami nk’uko canditswe, ngo Mukunde bagenzi banyu nk’uko mwikunda, muba mugize neza.
wubahe so na nyoko, kand’ ukunde mugenzawe nk’uko wikunda.
Abo nkunda, ntimwīhōrane, ariko muhe uburyo uburake bg’Imana: kuko handitswe, ng’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko, ni k’Uhoraho agize.
Ntimusubirize umuntu mu nkōko ikibi yabagiriye; mubabare gukora ivyiza imbere y’abantu bose.
Ariko noneho mwiyambure n’ibi vyose: uburake, kujingitwa, urwanko rw’ubusa, gucokorana, kandi ntihakagire amagambo ateye isoni ava mu kanwa kanyu.
Umururazi wose no kujingitwa n’uburake no gutongana no gutukana bibavemwo, hamwe n’inzigo yose.
Ntukavuge, uti Nzokwihōra ikibi nagiriwe: Ni witege Uhoraho, ni we azogukiza.
Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,
Kuko tuzi uwavuze, at’ Uguhōra n’ukwanje, ni jewe nzobasubiriza mu nkōko. Kand’ at’ Uhoraho azocira urubanza abantu biwe.
Haza umuntu kuri we, aramubaza, ati Mwigisha, nkore iciza ki ngo ndonke ubugingo budashira?
Kukw ar’ umukozi w’Imana kubgawe, ngw akuzanire ivyiza. Ariko ni wakora nabi, ugire ubgoba, kukw atambarira inkota ubusa, kukw ar’ umukozi w’Imana, umuhōzi ashitsa uburake k’ūkora nabi.
Nuko Abusalomu arahava abarira abasuku biwe, ati Muje muritegereza Amunoni: ni mwabona amaze guhimba vino, nkababarira, nti Ni muzibagure Amunoni; nuko muce mumwica, ntimutinye: none si jewe nzoba ndabibabariye? Nuko mugumye imitima, mube abahizi.
Kandi Abusalomu ntiyaba akigira ico avugana na Amunoni, ari kibi ari ciza, kuko Abusalomu yar’ agiriye Amunoni urwanko, kuko yononye mushiki we Tamari.
Hanze inkota izohēkūra, No mu nzu habe gucika ivutu, Yice imisore n’inkumi, N’abana bonka n’abatāma bameze imvi.
gusenga ibigirwamana, uburozi, ubgansi, intonganya, ishari, uburake, ikēba, kwitandukanya, ibice,
Ntazokwama ahana, Ntahorana uburake imisi yose.
Ndabaha icagezwe gisha: ni mukundane; nk’uko nabakunze, abe ari ko namwe mukundana.
Kandi dufise iki cagezwe kuri yo, ng’ Ūkunda Imana akunde na mwene Data wundi.
Lameki abarira abagore biwe, at’ Ewe Ada na Zila, ni munyumve, Bagore ba Lameki, ni mwumvirize amajambo yanje! Kuko nishe umugabo ndamwihōye uruguma ankomerekeje, N’umusore ndamwihōye igipfupfuri.
Ntukāgirize ibinyoma mugenzawe.
Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.
Uguhōra n’ukwanje, nzobasubiriza mu nkōko Igihe ibirenge vyabo bizonyerera. Kuk’ umusi w’ivyago vyabo uri hafi, Kand’ ibigira bibazeko bizotebuka.
Ariko Paulo asemerera n’ijwi rirenga, ati Ntiwigirire nabi, twese turi hano.