Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:16 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

16 Ntihaze hagire ūgendagendeshwa no guteranya abantu, kandi ntihaze hagire uwitangakw icabona c’ ibinyoma co kwicisha mugenzi we: ni jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:16
24 Referans Kwoze  

Ntimuze mwāmāmaze inkuru z’ibinyoma; ntihaze hagire uwifatanya n’ikigāba kuba icabona c’ibinyoma.


Mwitandukanye n’urubanza rw’ibinyoma, kandi ntihakagire uwo mwica atācumuye kand’ ar’ umugororotsi, kuko jewe ntazotsindanishiriza uwacumuye.


Ūgendagenda ar’ indanyangu amena amabanga, Nuko ntukifatanye n’ikirofoke.


Muri wewe haba abarementaniriza abandi ngo babicishe; muri wewe haba abarīra mu bitabo ku misozi; hagati muri wewe bāhakoreye ivy’ ubushakanyi.


Mwiyubarane, umuntu wese yiyubare umubanyi wiwe, kandi ntihagire uwo muri mwebge yizigira mugenzi we: kuk’ umuntu wese agendanira ubugunge mugenzi we, kand’ umubanyi w’umuntu wese agenda amurementaniriza.


Bose n’abagarariji bitovugwa, bagenda barementanya; bameze nk’imiringa n’ivyuma; bose bakora ivy’ ubugunge.


Ūgendagenda ar’ indanyangu amena ibanga, Arik’ ūri n’umutima wizigirwa agumya ijambo.


Nuko rero mwiyambure inzigo yose n’ubugunge bgose n’uburyarya n’ishari no kuvuga abandi nabi kwose,


Ūtarementanisha ururimi rwiwe, Ntagirire nabi mugenzi we, Ntakaze inkuru y’umubanyi wiwe.


Ntukāgirize ibinyoma mugenzawe.


N’abatāmakazi nyene, ubabgire bagende nk’uko bibereye abera, batarementaniriza abandi, batanohorwa imitima na vino nyinshi, bigisha ivyiza,


badakunda n’ababo, banka kwuzura, barementanya, batigarura, inkazi, badakunda ivyiza,


N’abagore nyene babe inyankamugayo, batarementaniriza abandi, batarenza urugero, bizigirwa muri vyose.


ati Nācumuye, naguze amaraso y’ūtagira icaha. Na bo baramwishura, bati Bidutwaye iki? N’ivyawe.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūhērewe ngw aje kwica umuntu ata co yakoze. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Umuntu ashengerera bagenzi biwe ngo banyagwe, Amaso y’abana biwe azokoboka.


Aho ntubonye k’Uhoraho yar’ akugabuye mu maboko yanje uyu musi, mur’ iri senga? Mbere harih’ abāmbgiye kukwica, ariko ndakwirekera, nti Sinokoza ukuboko kuri databuja, nti Kukw ari we Uhoraho yimikishije amavuta.


Uganama uvuga nabi uwo muvukana, Urementaniriza mwene nyoko bgite.


Ūbeshera mugenzi we mu mpisho nzomurandura: Ūgamika, akagira umutima wibona, sinzomwihanganira.


Ūpfukapfuka urwanko n’ umunyaminwa y’ibinyoma, Kand’ ūvuga ibirementanyo n’igipfu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite