Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:15
20 Referans Kwoze  

Nti Ntimuze muce urwa nkunzi, nt’ Ariko muze mwumvirize aboroshe n’abahambaye, mubanganye: nti Ntimuze mutinye umuntu ku kigohe, kukw imanza ar’ iz’ Imana. Nti Kand’ urubanza ruzobananira, muze murunzanire, ndarwumvirize, ndaruce.


N’aya nyene n’amajambo y’ abanyabgenge. Mu manza si vyiza gutinya abantu ku kigohe.


Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūgoreka urubanza rw’inyambukīra, canke rw’impfuvyi canke rw’umupfakazi. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Ntimuze mugoreke imanza, mu gusuzuma ivyo kugeresha metero, cank’ ikilo, cank’ ingero.


Mu manza si vyiza gutinya umunyakibi ku kigohe, Canke gutsindisha umugororotsi.


Ntimuze mugoreke imanza, ntimuze muce urwa nkunzi, canke ngo murye ingurire: kukw ingurire ihuma amaso y’ abanyabgenge, ikagoreka imanza z’ukuri.


Iti Muzogeza hehe kugoreka imanza, No gutinya abanyakibi ku kigohe? Sela.


Ikindi, utoranye mu bantu bose abashoboye guca imanza, bubaha Imana, b’abanyakuri, banka ingurire; uheze ubakuze, babe bakuru bo kuganza abantu, bamwe igihumbi‐igihumbi, abandi ijana‐ijana, abandi mirongwitanu‐itanu, abandi cumi‐cumi.


Ntimupfe guca imanza ku biboneka, ariko muce imanza z’ukuri.


Maze Paulo aramubgira, at’ Imana izogukubita, wa rusika rukuyengejekw ingwa: mbega wewe ko wicaritswe no kuncira urubanza nk’ukw ivyagezwe biri, ugatako ukavuga ko bankubita ukanyuranya n’ivyagezwe?


Kuk’ Uhoraho Imana yanyu ar’ Imana isumba izindi, n’Umwami asumba abandi, n’ Imana ihambaye, n’Inyabushobozi iteye ubgoba, idatinya abantu ku kigohe, itarya ingurire.


Mbega muyitinya ku kigohe? Non’ Imana mwoyitsa?


Muntunge, mvuge ntarobanuye abantu ku butoni; Sinogira umuntu n’umwe nohema.


None ntibirushirije kuba ibitabereye kubibarira Īdatinya abaganwa ku kigohe, Ntikunde umutunzi kumurutisha umworo, Kuko bose ar’ igikorwa c’ intoke zayo?


Teranura akanwa, uce izibereye, Ucire imanza impahazwa n’ umugorwa.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite