Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:14 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

14 Ntihaze hagire ūvuma igipfamatwi, canke ngo hagire ūshira imbere y’impumyi ikintu comutsitaza: ariko mugende mutinya jewe Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:14
14 Referans Kwoze  

Abalewi bat’ Azoba avumwe, ūhuvya impumyi ngw ite inzira yayo. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Umuntu wese muri mwebge az’ avire hasi ūmaze kuyenzura imvi, yubahe umutāma, antinye, jewe Imana yiwe: ni jewe Uhoraho.


Mwubahe abantu bose; mukunde bene Data; mutinye Imana; mwubahe umwami.


Uhereye none rero, twoye guhinyurana; yamara tugire iyi migabo: ngo hoye kugira ūshira igitsitaza cank’ ikigwisha imbere ya mwene Se.


Nuko ntimuze mugungane, ariko muntinye, jewe Imana yanyu, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Ariko mfise i vyo nkugayako bike, kukw i wanyu uhafise abakomeza inyigisho za Balamu, yigishije Balaki gushira igitsitaza imbere y’Abisirayeli, kugira ngo barye ivyaterekerejwe ibigirwamana, bashakane.


Arikw abanyitangiye imbere mu gutwarira umwami, bāraruhije abantu, kuko bāgenda babatoza ivyo kurya na vino, hamwe na shekeli z’ifeza mirongwine; mbere n’abasavyi babo bagatwaza abantu amanyama. Ariko jewe sinigeze ngenza ntyo, kuko nubaha Imana.


Kandi kw Iyo mwambaza muyita So ari yo icira umuntu wese urubanza rukwiranye n’ivyo yakoze itarobanuye ku cubahiro, mumare igihe co kuba inyambukīra mutinya.


Ababahama mubahezagire; mubahezagire, ntimubavume;


Ku musi ugira gatatu, Yosefu arababarira, at’ Enda genza murtya, mwoye gupfa, kuko ntinya Imana:


Ntimubere Abayuda igitsitaza, cank’ Abagiriki, cank’ ishengero ry’Imana:


Ntimuze mucishe urubanza aho rutari; ntimuze muce urwa nkunzi mubitewe no kugirira impuhwe umworo, canke no gutinya ūhambaye; ariko muze mucire bagenzi banyu imanza ziroranye.


Kwubaha Uhoraho n’itanguriro ry’ubgenge, Abakora ivyo bafise ubgenge bushitse: Ishimwe ryiwe ryamah’ ibihe bidashira.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite