Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 19:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Ntihaze hagire ūhahaza mugenzi we, canke ngw amwambure; ntihaze hagire ūrārana ingero umucangero yakoreye.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 19:13
29 Referans Kwoze  

Eh’ ingero z’abashwabuzi bābashwaburiye imirima, izo mwabagunze, zirataka: amaborogo y’abābashwaburiye yinjiye mu matwi y’Uhoraho Nyen’ ingabo.


Kandi nzobēgēra nce amateka; nzokwihutira kwagiriza abarozi, n’abasambanyi, n’abarahira ibinyoma, n’ abagunga umucangero ingero yiwe, n’abanyikiza umupfakazi n’impfuvyi, bakagirira nabi inyambukīra, nanje ntibanyubahe, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Azobona ibara uwubakisha inzu yiwe mu biva mu kugabitanya, akayitegurisha ibigungano; agakoresha mugenzi we ku kagōbēro, ntamuhe ingero yiwe;


Ibilo bitangana n’ibigeresho bitangana Vyompi n’igisesema k’Uhoraho.


K’uzi ivyagezwe, ngo Ntukice, ntugasambane, ntukibe, ntukāgirize abandi ibinyoma, ntukagunge, wubahe so na nyoko.


Abantu b’abanyagihugu barahahaza bakambura; mbere bakagirira nabi umugorwa n’umukene, bakadendereza umuntu w’akavantara.


Uku ni k’Uhoraho agize, ati Ni muce imanza ziroranye n’izigororotse, mukize ūnyazwe, mumukūre mu kuboko kw’ ūmuhahaza; ntimugirire nabi canke ngo muhahaze ingenzi n’ impfuvyi n’umupfakazi, canke ngo muvishirize aha hantu amaraso y’ abatācumuye.


Umunyamahanga ntimuze mumugirire nabi, canke ngo mumuhahaze, kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa.


Ariko nyene co ni yahaba, uwo ntaz’ akirihe, ni yaba yagitanze ku mpēra, iyo mpēra nyene izoba ibaye indihano.


ng’umuntu wese ntarenge ibikwiye, kandi ntagunge mwene Data wundi kur’ ivyo, kuk’ Umwami wacu ar’ umuhōzi kur’ ivyo vyose, nk’uko twababūriye tubishimikiye.


Arabishura, ati Ntimugatoze abantu ibiruta ivyo mwagezwe.


Ntugasahure umugorwa kubg’ ubugorwa bgiwe, Kandi ntukanyikirize umurushwa mw ikombe.


Kand’ asangwa narariye ivyeze vyaho ata co nishuye, Cank’ asangwa narishe nabi bene ho:


cank’ akabona icazimiye, akakigunga, akakirahira ibinyoma; ni hagira ikintu na kimwe mur’ ivyo vyose umuntu azokora, agakora icaha ubgo buryo;


Na ho ni catabagurwa n’igikōko, azane ikirangara kibishingira intahe; ntārinde kuriha iyatabaguwe.


Bugorovye, nyen’ uruzabibu abgira umukoresha wiwe, ati Hamagara abakozi, ubagerere ingero zabo, utangurire mu bo hanyuma gushitsa ku ba mbere.


Kukw icanditswe kivuga, ngo Ntimuze murumye umunwa w’inka irikw irasekura ingano; kandi ng’ Umukozi akwiye ingero yiwe.


Umuntu ni yabītsa mugenzi we amahera cank’ ibindi bintu, bikībirwa i we, uwavyivye ni yaboneka az’ arihe ibingana na vyo kabiri.


Umuntu ashengerera bagenzi biwe ngo banyagwe, Amaso y’abana biwe azokoboka.


Ntukabgire mugenzawe, uti Genda, uz’ugaruke, Ejo nzoguha; Kand’ ubifise ngaho.


atāgize uwo agunga, arikw akaba yarashubije ingwati nyeneyo; atāgize uwo anyaga ku gahahazo, arikw akaba yaragaburiye ūshonje, akambika impuzu uwambaye ubusa;


Muri wewe bābīra ingurire yo kuvisha amaraso; waka ay’ inyungu ku ngurāne, ukāka n’ ibirenzeko, uronka inyungu kuri bagenzi bawe ku gahotoro, ariko jewe waranyibagiye; ni k’Umwami Uhoraho agize.


Kandi ni hagira ūgurira ikintu mugenzi we, cank’ akagira ico amuguzeko na we, ntimuze mugungane.


Nuko ntimuze mugungane, ariko muntinye, jewe Imana yanyu, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Nk’uk’ umugurano yifuza igitūtu, N’umucangero akarereka ingero yiwe,


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite