Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 18:30 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

30 Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 18:30
14 Referans Kwoze  

Ntimuze mugendere mu migenzo y’ihanga ngira nze nirukane imbere yanyu: kukw ivyo vyose ari vyo bākora, bigatuma mbanka urunuka.


Ni co gituma bakwiye kwitondera ibgirizwa ryanje, boye kwikwēgera icaha kubgaryo, rikabicisha, kuko bazoba bahumanije ivyejejwe: kukw ari jewe Uhoraho ndabeza.


Nuko mukunde Uhoraho Imana yanyu, muze mwame mwitondera ivyo yabajeje, n’amabgirizwa yiwe, n’amatēka yashinze, n’ivyagezwe vyiwe.


Kuk’ umuntu wese azogira ico akora na kimwe mur’ ivyo vyose bizira, abazobikora bose bazorandurwa bakūrwe mu bgoko bgabo.


Uhoraho abarira Mose,


ni baherengetera imbere yanyu, muze mwirinde kugwa mu mutego ngo mubīgāne, mukabariritsa ivy’ imana zabo, muti Ya mahanga yagenza ate mu gusaba imana zabo? kugira ngo natwe tugire durtyo.


Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu ubgo buryo bgabo: kukw ikintu cose c’ubuyobe imbere y’Uhoraho, ico yanka urunuka, ari co basabisha imana zabo; mbere n’abahungu babo n’abakobga babo babosereza izo mana zabo kw ibimazi.


Ndaheza ndamufata, mmuhimbaguramw’ ibihimba, mbirungika mu gihugu cose c’ishamvu y’Abisirayeli, kuko bākoze igiteye isoni c’ubuyobe mu Bisirayeli.


Mbere mur’ ico gihugu hāri n’abagabo bendana. Kandi bākora ibizira vyose abanyamahanga bākora, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.


Yama akora ibintu vy’ubugesera, akurikira ibishushanyo, nk’ukw Abamori babigenza kwose, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.


Nukw ivyo vyose birangiye, abakuru baraza barambarira, bat’ Abisirayeli n’abaherezi n’ Abalewi ntibitandukanije n’abantu bo mur’ ibi bihugu, ariko bakora ivy’ ubuyobe, ivy’ Abanyakanani n’ivy’ Abaheti n’ivy’ Abaferizi n’ivy’ Abayebusi n’ivy’ Abamoni n’ivy’ Abanyamowabu n’ivy’ Abanyegiputa n’ivy’ Abamori;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite