Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 18:3 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

3 Uti Ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu ca Egiputa bakora, abo mwahora mubamwo; kandi ntimuze mukore nk’ivyo abo mu gihugu c’i Kanani bakora, iy’ abajanye kuba: ntimuze mukurikire amabgirizwa yabo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 18:3
15 Referans Kwoze  

Ntimuze mugendere mu migenzo y’ihanga ngira nze nirukane imbere yanyu: kukw ivyo vyose ari vyo bākora, bigatuma mbanka urunuka.


Kandi ntimukikubite imbere y’ibigirwamana vyabo, canke ngo mubisabe, canke ngo mwīgāne ingeso zabo: ariko muze mubihenebereze rwose, mumenagure amabuye yavyo bāshinze kw inkingi.


Kandi ntiyaretse ubumaka bgiwe yagize uhereye ari muri Egiputa; kuko mu buto bgiwe bāryamanye na we, bagakorakora ku mabere yo mu bukumi bgiwe, kandi bakamugwizak’ ubusambanyi bgabo.


Ntimushushanywe n’ivy’ iki gihe, yamara muhinduke rwose, mugize imitima misha, kugira ngo mumenye neza ivy’ Imana igomba, ni vyo vyiza bishimwa, bitunganye rwose.


Ariko bivangavanga n’amahanga, Biga ingeso zayo.


Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu ubgo buryo bgabo,


Uhoraho Imana yanyu ni yamara kubirukana imbere yanyu, ntimuze mwiyumvire mu mitima yanyu, mut’ Ukugororoka kwacu ni kwo kwatumye Uhoraho atwinjiza iki gihugu ngo tucegukire; ereg’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho ayirukana imbere yanyu.


bakagendera mu migenzo y’amahanga Uhoraho yari yarirukanye imbere yabo, no mu migenzo abami b’Abisirayeli bābashiriyeho.


kandi mwabonye ibizira bākunda, n’ibigirwamana vyabo vy’ ibiti n’amabuye n’ifeza n’izahabu vyari muri bo.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite