Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 18:27 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

27 Kukw ivyo bizira vyose ben’ ico gihugu babatanguriye kuhaba ari vyo bakoze, bikanduza ico gihugu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 18:27
14 Referans Kwoze  

Umuntu akorana ibizira n’ umugore w’umubanyi wiwe; uwundi yononesha ubushakanyi umukazana wiwe; uwundi wo muri wewe afata mushiki we basangiye se.


Bābaye abībone, kandi bākorera ibizira imbere yanje: nuko mbibonye mbakūraho.


Mbere n’abaherezi bakuru‐bakuru bose bo n’abantu bāgize ivy’ ubuhemu bginshi, bakaja mu vy’ibizira vyose vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, bakanduza ingoro y’Uhoraho, iyo Uhoraho ubgiwe yari yarejeje i Yerusalemu.


Akora ivyo Uhoraho abona kw ari bibi, aja mu bizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


ariko yagendera mu ngeso z’abami b’ Abisirayeli, mbere yatanze umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, nk’ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Mbere mur’ ico gihugu hāri n’abagabo bendana. Kandi bākora ibizira vyose abanyamahanga bākora, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.


bat’ Azoba avumwe, umuntu abāza igishushanyo cank’ akakivugutira mu nkero, ar’ igikorwa c’umuhinga, akagishinga mu mpisho, kand’ ar’ ubuyobe k’ Uhoraho. Abantu bose bitabirize, bati Amen.


Kukw abakora ben’ ivyo bose, abakora ibidatunganye bose, baba babaye ikizira k’ Uhoraho Imana yanyu.


Ntihaze hagire ūjana mu ngoro y’Uhoraho Imana yanyu ibihērewe maraya, cank’ ibihērewe umugabo yendwa, ngw abishikishe isezerano iry’ ari ryo ryose: kukw ivyo vyompi ar’ ubuyobe k’Uhoraho Imana yanyu.


kugira ngo ntibaze babigishe gukora ivy’ ibizira bakora vyose, ivyo bakorera imana zabo, mukaba mucumuye k’Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze mugire ico mwiyandurisha na kimwe mur’ ivyo vyose; kukw ivyo vyose ari vyo vyanduje amahanga ngira nze nirukane imbere yanyu,


Igihe nabona Abisirayeli, bari bameze nk’inzabibu ziri mu bugaragwa; ba sogokuruza nababonye bameze nk’insukoni z’isega zo ku musukoni ugitangura kwama: ariko bāgiye kuri Bayali y’i Peyori, bīyegurira ako gatētereza, bahinduka umuziro nk’ico nyene bakunze.


Nuko rero mweho muze mwitondere amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, ntimuze mugire ikizira na kimwe co mur’ ivyo mukora, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


Ntimuze mubikore, ngw ico gihugu kibadahwe namwe, ni mwacanduza, nk’uko cadashwe rya hanga ryabatanguriye kuhaba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite