Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 18:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Nuko rero mweho muze mwitondere amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, ntimuze mugire ikizira na kimwe co mur’ ivyo mukora, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 18:26
16 Referans Kwoze  

Uti Nuko muze mwitondere amabgirizwa yiwe, n’ivyagezwe vyiwe; umuntu azokora ivyo, ni vyo bizomubeshaho: nd’ Uhoraho.


Mur’ abakunzi banje, ni mwakora ivyo mbagera.


Ni mwankunda, muzokwitondera ivyagezwe vyanje,


Na we aramwishura, ati Cane‐cane hahirwa abumva ijambo ry’Imana bakaribungabunga.


Izo mw ivu ryiza n’abumvise iryo jambo bakarigumya mu mitima myiza itunganye, bakāmishwa imbuto n’ukwihangana.


Ico mbageze cose muze mucitondere, mugishitse; ntimuze mucungurireko, canke ngo mukigabanye.


Kandi muze mwitondere amabgirizwa yiwe n’ ivyagezwe vyiwe, ivyo mbagera uyu musi, kugira ngo mube mu vyiza, mwe n’abana banyu bazovuka hanyuma, kugira ngo mwame mu gihugu Uhoraho Imana yanyu abahaye kugeza ibihe bidashira.


Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


Kand’ ubabarire, ut’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azotanga ikimazi co kwoswa cank’ ikimazi kindi,


bikanduza n’igihugu cabo; ni co gituma ngira ngihōre ibigabitanyo vyaco, ico gihugu kikahava kidahwa abakibamwo.


Kukw ivyo bizira vyose ben’ ico gihugu babatanguriye kuhaba ari vyo bakoze, bikanduza ico gihugu.


Mbere mur’ ico gihugu hāri n’abagabo bendana. Kandi bākora ibizira vyose abanyamahanga bākora, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite