Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 18:25 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

25 bikanduza n’igihugu cabo; ni co gituma ngira ngihōre ibigabitanyo vyaco, ico gihugu kikahava kidahwa abakibamwo.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 18:25
25 Referans Kwoze  

Ntimuze mubikore, ngw ico gihugu kibadahwe namwe, ni mwacanduza, nk’uko cadashwe rya hanga ryabatanguriye kuhaba.


Ushime nabashikanye mu gihugu cama kirumbuka, ngo murye ivyo cera n’ivyiza vyaco; ariko mumaze kucinjira mwāhumanije igihugu canje, muhindura umwandu wanje ikizira.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Bavisha amaraso y’aberanda, ni yo maraso y’abahungu babo n’ay’ abakobga babo, Abo batanze kw ibimazi babaha ibigirwamana vy’i Kanani, Igihugu gihumanywa n’amaraso.


Nzomuhōra imisi yamaze yosereza za Bayali imibavu, yisakaye impeta n’utugenegene, agakurikira abūzure biwe, nanje jeho akanyibagira, ni k’Uhoraho agize.


None rero, uku ni k’Uhoraho agize, ni we Mana y’Abisirayeli, ku vyo ageneye abungere baragira abantu biwe: ati Mwashwiragije umukuku wanje, murawirukana, ntimwawurāba; nuko rero nanje nzobāzira, mbazanekw ivyago bihwanye n’ ukugira nabi kwanyu, ni jewe Uhoraho mbivuze.


Ariko nzobanza kubahōra ibigabitanyo vyabo n’ivyaha vyabo ibihetangabo kabiri, kuko bāndurishije igihugu canje imivyimba y’ibimazi vyabo biteye ishishi, bakuzuza ishamvu yanje bga buyobe bgabo.


Uku ni k’Uhoraho abarira ubu bgoko, at’ Ivyo bakunda n’ ukuyerera; ntibābujije ibirenge vyabo: ni co gituma Uhoraho atabemera; n’ubu yibuka ibigabitanyo vyabo, kand’ arabagīriye kubg’ ivyaha vyabo.


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni jewe Uhoraho mbibajije; mbeg’ umutima wanje ntuzohōra ubgoko bumeze burtyo?


Mbeg’ ivyo ntibizotuma nisidukira? ni k’Uhoraho abaza; mbeg’ ivyo umutima wanje ntuzobihōra ubgoko bumeze burtyo?


Kuk’ Uhoraho arikw arava i we azanywe no guhanira ababa mw isi ukugabitanya kwabo; ivu rizogaragaza ibitenga vy’amaraso yaviriye kuri ryo, kandi ntirizoba rigitwikiriye abishwe bo muri ryo.


Kuk’ ūkora ben’ ivyo wese aba abaye umuyobe k’Uhoraho; kand’ ubgo buyobe ari bgo butumye Uhoraho Imana yanyu agira yirukane ayo mahanga imbere yanyu.


Kuko tuzi yukw ivyaremwe vyose binihira hamwe bikaramukirwa hamwe kugeza n’ubu:


Bīhumanije birengereje: izokwibuka ibigabitanyo vyabo, izobahanira ivyaha vyabo, nk’uko vyabaye mu gihe c’i Gibeya.


Kand’ isi ihumanijwe n’abayibamwo; kuko barenze ivyagezwe, bagaca mw ibgirizwa, bakica isezerano ry’ intahava.


Ni ho nzohanisha ibicumuro vyabo inkoni, No kugabitanya kwabo imiramu.


Ukugororoka kwanyu canke gutungana kw imitima yanyu si vyo bizoba bitumye mwinjira igihugu cabo ngo mucegukire; arik’ ukugabitanya kw’ayo mahanga ni kwo kuzoba gutumye Uhoraho Imana yanyu abirukana imbere yanyu, kugira ngw ashitse ijambo yarahiye ba sogokuruza banyu, Aburahamu na Isaka na Yakobo.


Ku vy’ ibimazi banshikanira, batanga inyama z’ibimazi, bakazīrīra; ariko jewe Uhoraho simbākīrira: mbere nzokwibuka ibigabitanyo vyabo, mbahanire ivyaha vyabo; bazosubira muri Egiputa.


Nuko rero mweho muze mwitondere amabgirizwa yanje n’ivyagezwe vyanje, ntimuze mugire ikizira na kimwe co mur’ ivyo mukora, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


umuvyimba wiwe ntuz’ urāre kur’ ico giti, ariko ntimuze mubure kumuhamba kur’ uwo musi nyene: kuk’ ūmanitswe ku giti arik’ umuvumo w’Imana; nuko mumuhambe, kugira ngo ntimwanduze igihugu Uhoraho Imana yanyu yabahaye kw ishamvu.


Yama akora ibintu vy’ubugesera, akurikira ibishushanyo, nk’ukw Abamori babigenza kwose, abo Uhoraho yirukanye imbere y’Abisirayeli.


ivyo washingiye mu basavyi bawe wavugisha, ukavuga, ut’ Igihugu mugiyemwo ngo mucegukire n’igihugu candujwe n’ibizira vy’amahanga yo mur’ ivyo bihugu, n’ivy’ ubuyobe bakora, bacujuje ubuhumane bgabo hose iyo kiva kikagera;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite