Abalewi 18:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)21 Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho. Gade chapit la |
Kand’ iyo mushikana amashikanwa, mugatanga abana banyu kw ibimazi ngo boswe mu muriro, ntimuba mwihumanishije ivyo bigirwamana vyanyu vyose, gushitsa na bugingo n’ubu? None noshobora nte ko mwogira ico munsiguza, ga mwebge ab’ inzu ya Isirayeli? Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nkazogira ico nsiguzwa namwe.