Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 18:21 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

21 Kandi ntihaze hagire ūtanga uwo mu bana biwe ngo yoserezwe Moleki kw ikimazi, ngw atukishe izina ryanje, Imana yiwe: nd’ Uhoraho.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 18:21
30 Referans Kwoze  

Ntimuze musenge Uhoraho Imana yanyu ubgo buryo bgabo: kukw ikintu cose c’ubuyobe imbere y’Uhoraho, ico yanka urunuka, ari co basabisha imana zabo; mbere n’abahungu babo n’abakobga babo babosereza izo mana zabo kw ibimazi.


Ntimuze murahire ibinyoma izina ryanje, bigatuma mutukisha izina ryanje, Imana yanyu: ni jewe Uhoraho.


Muri mwebge ntihaze haboneke umuntu atanga umwana wiwe kw ikimazi, ar’ uw’ umuhungu canke w’umukobga, ngo yoswe mu muriro, canke ngo haboneke ūragura, cank’ ūtera amabara, cank’ umupfumu, cank’ umurozi,


Ntimuze mutukishe izina ryanje ryera, ariko nze name mboneka nd’Uwera hagati mu Bisirayeli: ni jewe Uhoraho ndabeza,


Mwareruye ihema rya Moloki, N’inyenyeri y’ikigirwamana Refani, Ar’ ibishushanyo mwironkeye ngo mubisenge: Nanje nzobambukana hirya y’i Babuloni.


Ariko mweho murarihumanya, kuko muvuga, mut’ Ameza y’Uhoraho aranduye, kandi n’ivyo aduhēra kuri yo vy’ivyo kurya n’ibikēngēretse.


bagataba ibitabo vya Bayali, ngo bahosereze abahungu babo mu muriro, babe ibimazi vyosherejwe Bayali; ar’ ikintu ntābageze, ntāvuze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


ngw Abitewe n’uko bāmutaye, bakaja gusenga Ashitoreti imanakazi y’Abasidoni, na Kemoshi imana y’Abanyamowabu, na Milikomu imana y’Abamoni; ntibagendere mu nzira ziwe, ngo bakore ivyo abona ko bibereye, bitondere amabgirizwa yiwe n’ivyagezwe vyiwe, nk’uko Dawidi se wa Salomo yagenza.


Bukeye Salomo ataba ku mpinga y’umusozi werekeye i Yerusalemu igitabo ca Kemoshi, ca kizira c’ubuyobe c’Abanyamowabu, bo n’ica Moleki, ca kizira c’ubuyobe c’Abamoni.


ati Barira Aroni n’abana biwe baze bitonde mu kwēgēra ivyejejwe Abisirayeli banshikanira, boye gutukisha izina ryanje ryera: nd’ Uhoraho.


Nuko rero muzorerura Sikuti umwami wanyu, na Kiyuni, inyenyeri yanyu y’ikigirwamana, ari vyo bishushanyo mwironkeye ubganyu.


Kuko basambanye, kand’ amaraso bavishije ari ku ntoke zabo; basambanye n’ibigirwamana vyabo; kandi n’abahungu babo bamvyariye babatanze kw ibimazi ngo boswe mu muriro, babashikaniye ivyo bigirwamana ngo bibarye.


Kand’ iyo mushikana amashikanwa, mugatanga abana banyu kw ibimazi ngo boswe mu muriro, ntimuba mwihumanishije ivyo bigirwamana vyanyu vyose, gushitsa na bugingo n’ubu? None noshobora nte ko mwogira ico munsiguza, ga mwebge ab’ inzu ya Isirayeli? Ndahiye ukubaho kwanje, ni k’Umwami Uhoraho agize, nkazogira ico nsiguzwa namwe.


Batavye ibitabo i Tofeti, ahahanamiye umwonga wa mwene Hinomu, ngo bahosereze abahungu babo n’abakobga babo mu muriro, babatanze kw ibimazi; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje.


Kand’ ahumanya n’i Tofeti mu mwonga wa bene Hinomu, kugira ngo hoye kugira umuntu n’umwe ahatangira umwana wiwe kw ikimazi, ar’ umuhungu cank’ umukobga, ngo yoserezwe Moleki mu muriro.


Atanga umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, agapfumuza, agatera amabara, akaja kuraguza abahamagara imizimu, n’ abamenyi; yakora ibibi vyinshi imbere y’Uhoraho, bimutera umwikomo.


ariko yagendera mu ngeso z’abami b’ Abisirayeli, mbere yatanze umuhungu wiwe kw ikimazi ngo yoserezwe mu muriro, nk’ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Baze bambere abera, jewe Imana yabo, ntibatukishe izina ryanje, Imana yabo; kukw ari bo bampēreza ibimazi, jewe Uhoraho, bitōngōrwa n’umuriro, ari zo mfungurwa zanje, Imana yabo: ni co gituma bakwiye kuba abera.


Izina ry’Imana muritukisha mu mahanga, nk’uko vyanditswe.


icubahiro c’Imana idapfa baragikāba ngo basenge ibishushanyo bisa n’umuntu apfa, n’ivy’ ibiguruka n’ivy’ ibigenza amaguru ane n’ivy’ ibikwega inda hasi.


Ikigeretseko, yosereza imibavu mu mwonga wa mwene Hinomu, atanga n’abana biwe kw ibimazi ngo boserezwe mu muriro, nk’ ukw ibizira vy’ubuyobe vy’abanyamahanga vyari bimeze, abo Uhoraho yari yarirukanye imbere y’Abisirayeli.


Kandi bātabiye ibitabo Bayali, ni vyo biri mu mwonga wa mwene Hinomu, bagatanga abana babo b’abahungu n’abakobga kw ibimazi ngo boserezwe Moleki; ar’ ikintu ntābageze, kitigeze no kuza mu mutima wanje, ko bokora ivyo bizira, bagacumuza Abayuda.


kandi mbahumanisha amashikanwa yabo ubgabo, kuko bātanze imfura zabo zose kw ibimazi ngo zoswe mu muriro, kugira ngo ndabajonjogoze, baruhe bamenye yuko jewe nd’ Uhoraho.


Mbeg’ Uhoraho yohimbarwa n’amapfizi y’intama ibihumbi, cank’ inzūzi z’amavuta ya elayo ibihumbi cumi? Notanga imfura yanje ku gicumuro canje, imbuto y’umubiri wanje nkayitanga ku caha c’umutima wanje?


Nawe ubarire Abisirayeli, yuk’ umuntu wese azontuka, jewe Imana yiwe, azogībgako n’icaha ciwe.


ab’i Ava bigirira Nibuhazi na Tarutaki, ab’i Sefaravayimu bātanga abana babo ngo baturirwe, babahaye Adurameleki na Anameleki, imana z’i Sefaravayimu nyene.


Basiribangira imitwe ya ba nyarucari mu mukungugu wo hasi, bakagoreka inzira z’abicisha bugufi; umwana na se binjirana umwigeme umwe, bagatukisha izina ryanje ryera.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite