Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 18:2 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

2 ati Barira Abisirayeli, uti Ni we Uhoraho, Imana yanyu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 18:2
16 Referans Kwoze  

kandi nzobagira abantu banje, nanje nzoba Imana yanyu; ni ho muzomenya ko nd’ Uhoraho Imana yanyu, ibakūye ku bikebere Abanyegiputa babakebera.


Kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu: ni mwiyeze rero, mube abera, kuko nanje nd’ uwera; kandi ntimuze mwiyandurishe akanyonyera k’uburyo bgose kagendera hasi.


Ubabgire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ngo Ku musi natoranijeko Isirayeli, nkamanika ukuboko ndahiye uruvyaro rw’inzu ya Yakobo, nkabiyerekera mu gihugu ca Egiputa, igihe namanika ukuboko mbarahira, nti Nd’Uhoraho Imana yanyu;


Nuko mwiyeze, mube abera, kuko nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Ndaheza ndababgira, nt’ Umuntu wese n’ate kure ibizira yamizakw ijisho, mwoye kwihumanisha ibigirwamana vyo muri Egiputa; ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Hahirwa ihanga rifise Uhoraho kw Imana yaryo, Ubgoko yitoranirije kuba ishamvu yiwe.


Umunyamahanga aba muri mwebge muze mumugirire nk’imvukira, mumukunde nk’ uko mwikunda: kuko namwe mwar’ abanyamahanga mu gihugu ca Egiputa: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze muhumbe mu mirima y’imizabibu yanyu, canke ngo mutore izahungurukiyeyo: muze mubisigarize aboro n’abanyamahanga: ni jewe Uhoraho Imana yanyu.


Ut’ Ivyagezwe vyiwe az’ abe ari vyo mwumvira, n’amabgirizwa yiwe az’ abe ari yo mwitondera, mubigenderemwo: uti Ni we Uhoraho Imana yanyu.


iti Nd’ Uhoraho Imana yawe, yagukūye mu gihugu ca Egiputa, mu nzu y’ubuja.


Kandi nshinze isezerano ryanje ngusezeraniye, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma, ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana, ribe isezerano ridashira, kugira ngo nkubere Imana, wewe n’uruvyaro rwawe ruzovuka hanyuma.


Uhoraho abarira Mose,


Ni co gituma mukwiye kwitondera ivyo mbihanikirije, kugira ngo ntimuze mugire n’umwe mur’ iyo migenzo izira mukora, yakorwa n’ababatanguriye kuhaba, ngo muyiyandurishe: nd’ Uhoraho Imana yanyu.


Ntimuze mugendere mu migenzo y’ihanga ngira nze nirukane imbere yanyu: kukw ivyo vyose ari vyo bākora, bigatuma mbanka urunuka.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite