14 Ntihaze hagire uwambika ubusa se wabo, ngo yegere umugore wiwe, kukw ari nka nyina.
Umuntu ni yaryamana na muka se wabo, azoba yambitse ubusa se wabo: bazogībgako n’icaha cabo: bazopfa ar’ imponnyi.
Ntihaze hagire uwambika ubusa nyinabo, kukw avukana na nyina.