10 Ntihaze hagire uwambika ubusa umwuzukuru wo ku muhungu wiwe canke wo ku mukobga, kuk’ ubgambure bgabo ari bgo bgiwe.
Ntihaze hagire uwambika ubusa mushiki we, ar’ uwo basangiye se canke nyina, ar’ uwo bavukana cank’ ar’ umuzanano: ntihaze hagire ūmwambika ubusa.
Ntihaze hagire uwambika ubusa umukobga wa muka se, basangiye se: uwo ni mushikiwe, ntaz’ amwambike ubusa.