Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 17:8 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

8 Kand’ ubabarire, ut’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azotanga ikimazi co kwoswa cank’ ikimazi kindi,

Gade chapit la Kopi




Abalewi 17:8
16 Referans Kwoze  

Kuk’ uhereye iy’ izuba rirasira ugashitsa iyo rirengera izina ryanje rirahambaye mu banyamahanga; kand’ ahantu hose barosereza izina ryanje imibavu, baranshikanira amashikanwa atunganye, kukw izina ryanje rihambaye mu banyamahanga, ni k’Uhoraho Nyen’ ingabo agize.


Maze Dawidi ahubakira Uhoraho igicaniro, ahosereza ibimazi, atanga n’ibimazi vy’ishimwe. Nuk’ Uhoraho abona guhangaza ico gihugu, ikīza kirabogozwa mu Bisirayeli.


Samweli arasiguza, ati Nogenda nte? Erega Sauli ni yavyumva azonyica. Uhoraho aramwishura, ati Hitana inka y’ishashi, ugende, uvuge, uti Nje gushikanira Uhoraho ikimazi.


Kand’ uz’ unyitangire imbere, umanuke i Gilugali; nanje nyene nzomanuka ngusangeyo, nje kwosa ibimazi no gutanga ivy’ ishimwe. Uz’ undorēre imisi ndwi kugeza igihe nzogusangayo nkakwereka uk’ ukwiye kugenza.


Nuko Samweli yābīra umwagazi w’intama uconka, awushikanira Uhoraho kw ikimazi co kwoswa kidasonōye; maze Samweli atakambira Uhoraho kubg’ Abisirayeli; Uhoraho aramwumvira.


uheze unyubakire igicaniro kur’ iki gitandara, jewe Uhoraho Imana yawe, mu buryo bushinzwe, ujane ya mpfizi ya kabiri uyitange kw ikimazi co kwoswa, ucanirize inkwi za ya nkingi ya Ashera uzoba watemaguye.


Kand’ umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azokwigera ageza ubuseri mu kanwa, nzohoza igitsūre canje kur’ uwo muntu yariye ubuseri, ndamurandure mu bgoko bgabo.


atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ngw akinshikanire kw ishikanwa, imbere y’ihema ryanje, uwo muntu azogībgako n’ayo maraso: mber’ azoba avishije amaraso: uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Ni yatanga umwana w’intama kw ishikanwa ryiwe, az’ awuzane imbere yanje.


Ntibaze bapfe basubiye gukererera ibisigo vy’amapfizi y’impene ibimazi vyabo, ari vyo bahurumbira nk’ ibimaka. Ico kize kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


atakizanye ku muryango w’ihema ry’ibonaniro kukinshikanira, uwo muntu az’ acibge mu bgoko bgabo.


Bukeye Abisirayeli bandi bumva kw Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’ Abamanase bubatse igicaniro ku rubibe rw’igihugu c’i Kanani, mu ntāra iherereye kuri Yorodani, hakuno mu bg’Abisirayeli.


Nuko bashikiriye Abareyubeni n’Abagadi n’igihimba c’umuryango w’Abamanase, mu gihugu c’i Gileyadi, barababgira,


bat’ Ikoraniro ryose ry’Uhoraho ryadutumye, ng’ Uku kuntu mwahemukiye Imana y’Abisirayeli mwagutewe n’iki, ko mwaciye mureka gukurikira Uhoraho, mukiyubakira igicaniro, mukamugarariza aka kanya?


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite