Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 17:7 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

7 Ntibaze bapfe basubiye gukererera ibisigo vy’amapfizi y’impene ibimazi vyabo, ari vyo bahurumbira nk’ ibimaka. Ico kize kibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 17:7
23 Referans Kwoze  

Ariko mvuga yukw ibimazi abanyamahanga batanga, babiha abadayimoni, babiterekereza abadayimoni, ntibabiha Imana: nanje singomba yuko musangira n’abadayimoni.


Ntimuze mugire isezerano musezerana n’abari mur’ ico gihugu, kugira ngo, igihe bazohurumbira ibigirwamana vyabo nk’ ibimaka, bakabiha ibimazi, ntihaze hagire ūbatumira, ngo murye ku kimazi ciwe;


Yerobowamu akīshirirah’ abandi baherezi bo mu bitabo vyo ku mpinga z’imisozi, ngo bahēreze ibisigo vy’amapfizi y’impene n’ibishushanyo vy’ amamasa yacurishije.


Bahaye ibimazi abadayimoni batar’ Imana, Bahaye ibimazi imana batigeze kumenya, Imana nsha z’inzaduka, Izo ba sogokuruza batātinya.


Mbere batanga kw ibimazi abahungu babo n’abakobga babo babaha abadayimoni,


Abantu bārokotse, batishwe n’ivyo vyago, ntibihana ivyakozwe n’intoke zabo, ngo bareke gusenga abadayimoni n’ibigirwamana vy’izahabu n’ivy’ ifeza n’ivy’ imiringa n’ivy’ amabuye n’ivy’ ibiti, bidashobora kubona canke kwumva canke kugenda:


Kandi ntiyaretse ubumaka bgiwe yagize uhereye ari muri Egiputa; kuko mu buto bgiwe bāryamanye na we, bagakorakora ku mabere yo mu bukumi bgiwe, kandi bakamugwizak’ ubusambanyi bgabo.


Uhoraho abarira Mose, ati Rāba, ugiye guhamvya ba sogokuruza bawe; kand’ iri hanga rizohaguruka, bahurumbire izindi mana nk’ibimaka, ari vyo bigirwamana vy’ico gihugu, aho bagiye kuja kuba muri bene co, bamveko, bice isezerano ryanje nasezeranye na bo.


jewe ubganje nzohoza igitsūre kur’ uwo muntu, no ku muryango wiwe, ndabarandurane mu bgoko bgabo n’abābīgānye mur’ ubgo bumaka bgo guhurumbira Moleki.


Inzira nabageze bayitaye ata n’akanya, bīronkeye igishushanyo c’imasa bakivugutiye mu nkero, bagisenze, bagihaye n’ibimazi, baravuga, bati Yemwe Bisirayeli, ngiyo imana yanyu, yabakūye mu gihugu ca Egiputa.


Ūzotanga ikimazi, akagiha iyindi mana, atari jewe Uhoraho jenyene, az’ arandurwe rwose.


ivyo mwagenderamwo kera, nk’ukw ivy’ iyi si bigenda, mwumvira umwami w’abaganza ikirēre, ni we mpwemu ikorera mu bantu b’intabarirwa.


ni bo batizera, bamwe imana y’iki gihe yahumye imitima, ng’umuco ntubākire w’ubutumwa bg’ubgiza bga Kristo, ni we shusho y’Imana.


Sinkivugana namwe vyinshi, kuk’ umwami w’isi ari mu kuza, yamara muri jewe nta kintu ahafise;


Non’ ubu iyi si iciriwekw iteka, non’ ubu umutware w’iyi si agira ahindirwe hanze.


Baravuga, bat’ Umuntu ni yirukana umugore wiwe bakavana, akābīrwa n’uwundi mugabo, mbeg’ uwo mugabo wiwe yosubira kumugarukana ukundi? Mbega n’igihugu nyene nticoba cononekaye? Nawe wīgize maraya ku būzure batari bake; non’ ugira ngo wongarukako? ni jewe Uhoraho mbibajije.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Kand’ ubabarire, ut’ Umuntu wese wo mu nzu ya Isirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azotanga ikimazi co kwoswa cank’ ikimazi kindi,


Uko ni ko bandujwe n’ ibikorwa vyabo, Bagenda bahurumba nk’ ibimaka mu ngeso zabo.


maze basambanira muri Egiputa; bahēreye gusambana bakir’ inkumi; aho ni ho amabere yabo yakabakabiwe, amabere yabo yo mu bukumi bakayakorakora.


Ūzoryamana n’igitungano ntaz’ abure kwicwa.


Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite