Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 17:15 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

15 Kand’ umuntu wese azorya icipfiriye cank’ ikirangara, ar’ imvukira cank’ umunyamahanga, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ni h’azoba ahumanutse.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 17:15
22 Referans Kwoze  

Ntihaze hagire ikintu na kimwe cīpfiriye murya; ariko mushobora kugiha uwo mu nyambukīra aba i wanyu, akaba ari we akirya; canke mushobora kukigura n’umunyamahanga; ariko mweho mur’ ihanga ryera ryarobanuriwe Uhoraho Imana yanyu. Ntimuze mutekeshe umwagazi w’ impene amata ya nyina.


Icipfiriye cank’ ikirangara, ntaz’ agire ico arya muri vyo ngw acihumanishe: nd’ Uhoraho.


Muzoba abantu b’abagabo nirobanuriye; kandi ntimuze murye ku nyama z’ikirangara kiri mu gahinga, iz’ ari zo zose, ariko muze muziterere imbga.


kandi n’uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Ndamwishura, nti Mugenzi, ni wewe wobimenya. Arambgira, at’ Aba n’abāvuye muri wa mubabaro mwinshi, kandi bamesuye imvune zabo bazezesha amaraso ya wa Mwagazi.


Abaherezi ntibakagire icipfiriye na kimwe bazorya, cank’ ikirangara, ar’ ico mu biguruka canke mu bitungwa.


Maze ndavuga, nti Yo! Ewe Mwami Uhoraho! Erega kuva aho nakabereye nta ho nigeze mpumana: kuk’ uhereye mu buto bganje ugashitsa n’ubu ata ho nigeze kurya icipfiriye, cank’ icātabaguwe n’ igikōko; kandi nta ho inyama zihumanye zigeze kuja mu kanwa kanje.


Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava. Kand’ ūzoba acucagiye ayo mazi ahumanura az’ amesure impuzu ziwe; ūzoyakorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ uwo muntu adahumanye az’ acucagire k’ūhumanye ku musi ugira gatatu no ku wugira indwi: nuko ku musi ugira indwi amuhumanure; na we aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, maze ku mugoroba azoba ahumanutse.


Uwayituriye na we nyene amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ umuntu wese azokora ku buriri bgiwe az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Ūzokora ku kintu na kimwe cari musi yiwe, azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba; kand’ ūzoterura ivyo, az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Arikw ibinure vy’ iyipfiriye, cank’ ivy’ ikirangara, vyoshobora gukoreshwa igikorwa kindi cose: ariko ntimuze mubiryeko na gatoya.


Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Abe ari ko muzokora no ku nka zanyu no ku ntama zanyu: iy’ uburiza iz’ imarane na nyina imisi ndwi, ku musi ugira umunani muze muyimpe.


Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba;


Ikigendesha amajanja cose co mu bigenza amaguru ane vyose, n’igihumanya kuri mwebge; uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.


Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse.


Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite