Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 17:13 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

13 Kand’ umuntu wese wo mu Bisirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azogira ico afata ari guhīga, ar’ igikōko, ar’ igisīga, cank’ inyoni, mu vyemerwa kuribga, amaraso yaco az’ ayareke amiminukire hasi, ayarenzekw ivu.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 17:13
9 Referans Kwoze  

Mugabo ntimuze murye ubuseri: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Kukw amaraso yaco ari hagati muri co; cayashize ku rutare rugaragara; nticayasutse mw ivu, ngw atwikirwe n’umukungugu.


Mugabo ntimuze murye ubuseri bgavyo: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Nuk’ ubuseri ntimukaburye: muze muyareke asēseke hasi nk’amazi.


Ntimuze mwigere mugeza ubuseri mu kanwa mu ngo zanyu zose, ar’ ubg’ ibiguruka, cank’ ubg’ ibitunzwe, cank’ ubg’ ibikōko.


Wa si we, ntutwikire amaraso yanje, Gutakamba kwanje ntikugire aho guhengeshanya.


Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso, ar’ uwo muri mwebge, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.


Kuko kubga maraya umuntu afūtāna gushitsa asigaye ku kamanyu k’agatsima: Kand’ umusambanyikazi ahīga ubugingo bg’igiciro.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite