Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 17:12 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

12 Ni co catumye nihanikiriza Abisirayeli, nti Ntihaze hagire umuntu azokwigera ageza mu kanwa icitwa amaraso, ar’ uwo muri mwebge, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 17:12
5 Referans Kwoze  

Icagezwe ni kimwe ku mvukira no ku munyamahanga yaje kuba muri mwebge.


Kuk’ ubugingo bg’umubiri buba mu maraso, nanje nshinze kw aba ku gicaniro kubganyu, ngw abe impongano y’ubugingo bganyu: kukw amaraso ar’ impongano, kubg’ ubugingo buri muri yo.


Kand’ umuntu wese wo mu Bisirayeli, canke wo mu banyamahanga baba muri bo, azogira ico afata ari guhīga, ar’ igikōko, ar’ igisīga, cank’ inyoni, mu vyemerwa kuribga, amaraso yaco az’ ayareke amiminukire hasi, ayarenzekw ivu.


Nuko rero, ubabarire, ut’ Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Ko murya inyama zitavuyemw’ amaraso, mukunamurira amaso ibigirwamana vyanyu, mukavisha amaraso: none mugira ngo mwohabga igihugu kw ishamvu?


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite