Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:5 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

5 Maze yake ikoraniro ry’Abisirayeli amasuguru abiri y’impene kuba ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’impfizi y’intama kuba ikimazi co kwoswa.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:5
14 Referans Kwoze  

Bazana amamasa ndwi, n’amapfizi y’intama ndwi, n’imyagazi y’intama ndwi, n’amapfizi y’impene ndwi nyene, kw ikimazi co gutangirwa ivyaha, ngo babitangire ubgami n’urusengero n’Abayuda. Abarira abaherezi bene Aroni kubitangira ku gicaniro c’Uhoraho.


Ico gihe co kuyishikiriza Imana, bātanze amamasa ijana n’amapfizi y’intama amajana abiri n’imyagazi y’intama amajana ane, kandi batangirira Abisirayeli bose amasuguru y’ impene cumi n’abiri, nk’ukw igitigiri c’imiryango y’Abisirayeli kingana, kw ikimazi gitangirwa ivyaha.


Mutange n’impfizi y’impene imwe kw ikimazi gitangirwa ivyaha; muze muvyongere ku kimazi gitangirwa ivyaha c’impongano, no kuri ca kimazi co kwoswa c’intasība, no kw ishikanwa ry’ifu bigendanye, no ku mashikanwa y’ibiturire agendanye na vyo.


ati Jana Aroni n’abana biwe, na ya myambaro na ya mavuta yo kurobanuza abahabga ibango, na ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, na za mpfizi z’intama zompi, na ya ndumane irimw’ imitsima itambiwe;


Ic’ ivyagezwe bitāshoboye gukora kuko bifise intege nke kubg’ akameremere kacu, Imana yatumye Umwana wayo, afise ishusho y’umubiri w’icaha, kuba ikimazi c’icaha, itsindisha icaha kiri mu mubiri,


Araheza azana ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, Aroni n’abana biwe bayirambika ibiganza mu ruhanga.


Kand’ ikimazi ciwe co kwoswa ni caba ar’ ico mu mukuku, ar’ intama cank’ impene, az’ atange isuguru itagira agasembga.


namb’ ar’ umuherezi yarobanujwe amavuta aramutse akoze icaha, agacumuza ubgo bgoko, az’ atangire ico caha ciwe yakoze imasa y’umukangara itagira agasembga: ayinzanire kw ikimazi co gutangirwa ivyaha.


abarira Aroni, ati Jana ishuri y’umukangara y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, n’ impfizi y’intama y’ikimazi co kwoswa, bitagira agasembga, ubitange ur’ imbere y’Uhoraho.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite