Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:4 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

4 Yambare ya kanzo yejejwe yera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; akenyeze wa mukanda wera derere, yambare na ca gitambara cera derere mu mutwe; iyo ni yo myambaro yejejwe: nukw abanze kwiyuhagira, aheze ayambare.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:4
23 Referans Kwoze  

Iyo bagiye kwinjira mw ihema ry’ibonaniro, baze bakarabe, boge, kugira ngo ntibapfe, n’iyo bagiye kwegera igicaniro guhereza, ngo banyosereze ibimazi bitōngōrwa n’umuriro.


Vyari bitubereye kugira umuherezi mukuru ameze artyo, yera, atagira ubugunge, atanduye, yatandukanijwe n’abanyavyaha, yashizwe hejuru y’amajuru,


Maz’ umuherezi yambare wa mwambaro wiwe wera derere, na rya butura ryiwe ryera derere aryambike ubgambure bgiwe; aheze ayore umunyota w’ ikimazi coshejwe, ic’ umuriro watōngōreye ku gicaniro, awufashe i ruhande y’igicaniro.


twegereze dufise imitima y’ukuri, twizeye ata mazinda, imitima yacu icucagiwe ngw ivanwemw’ ibitwagiriza bibi, imibiri yacu yuhagijwe amazi meza.


Nuko rero, kukw abana bahūje inyama n’amaraso, na we ubgiwe yahūje ivyo na bo, kugira ngw abone ukw apfa, kand’ urupfu rwiwe aruhindurishe ubusa ūfise ubushobozi bg’urupfu, ni we wa Murwanizi,


ariko yīsiga ubusa, yābīra ishusho y’umugurano, acika ūsa n’abantu.


Umumarayika aramwishura, ati Mpwemu Yera azokuzako, ubushobozi bg’Īsumba vyose buzogutera igitūtu: ni co gituma uwera azovuka azokwitwa Umwana w’Imana.


Kuko yakuriye imbere yiwe nk’ikironge, kandi nk’agashami kava mw ivu rigadutse. Ntiyar’ afise ishusho nziza cank’ igikundiro, kand’ aho twamubona ntiyar’ afise ubgiza bgotumye tumwifuza.


Aheze yiyuhagirire ahantu hēra, yambare imyambaro yahorana, asohoke, yitangire ikimazi ciwe ubgiwe co kwoswa, atangire n’abantu icabo, yihongere ubgiwe, ahongere n’abantu.


Uheze uzane Aroni n’abana biwe ku muryango w’iryo hema ry’ibonaniro, ubuhagire.


Kandi Aroni n’abana biwe uz’ ubazane ku muryango w’ihema ry’ibonaniro, ubūhagirireho.


Uz’ ujishishirize Aroni mukurwawe imyambaro, iz’ ibe iyejejwe, yo kumutera icubahiro no kumushariza.


Aroni yinjire mw ihema ry’ ibonaniro, yambure ya myambaro yera derere, iyo yari yambaye igihe yinjira Ahēra, ayisigeyo.


Kand’ umuherezi azorobanuzwa amavuta, akarobanurirwa ubuherezi mu gishingo ca se, az’ abe ari we abatangira impongano, yambaye ya myambaro yera derere, ari yo myambaro yejejwe;


Nuko haza abantu batandatu baciye mu nzira yo mu kirimba co haruguru cārābana n’i burārūko, umuntu wese afise ikirwanishwa c’icicanyi mu kuboko kwiwe; kandi hagati muri bo har’ umuntu yambaye impuzu zera, afise agahembe karimwo wino yo kwandikisha, akambaye kw itako. Nuko baraza, bahagarara i ruhande y’igicaniro c’umuringa.


Kandi ni basohoka bagashika mu ntangaro, ngo bēgēre abantu bariyo, baze babanze biyambure imyambaro iyo bambara bahereza, bayibīke mu vyumba vyera; maze bambare iyindi myambaro kugira ngo boye kwezesha abantu imyambaro yabo.


cank’ akabona icazimiye, akakigunga, akakirahira ibinyoma; ni hagira ikintu na kimwe mur’ ivyo vyose umuntu azokora, agakora icaha ubgo buryo;


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite