Abalewi 16:34 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)34 Ico kize kibabere icagezwe c’intahava, yukw azokwama atangira Abisirayeli impongano kubg’ ivyaha vyabo vyose, rimwe gusa uk’umwaka utashe. Nuko Aroni agenza nk’ uk’ Uhoraho yabariye Mose. Gade chapit la |
Mw ihema ry’ibonaniro, hino ya ca gihuzu gikingiye vya Bishinga intahe, abe ari ho Aroni n’abana biwe bazokwama baritunganiriza, kugira ngo rize ryame ryaka imbere yanje, jewe Uhoraho, rihēre ku mugoroba rishitse mu gitondo. Iryo rize ribe ibgirizwa ry’intahava ryo kwitonderwa n’Abisirayeli ukw ibihe vy’urunganwe rwabo bizogenda bikurikirana.