Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:33 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

33 az’ atange impongano y’Ahēra cane, n’iy’ ihema ry’ibonaniro, n’iy’ igicaniro, atange n’iy’ abaherezi, n’iy’ ikoraniro ry’abantu bose.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:33
8 Referans Kwoze  

Uko ni kw azoba atangiriye Ahēra impongano, kubg’ ubuhumane bg’Abisirayeli, no kubg’ ibicumuro vyabo, n’ivyaha vyabo vyose; kand’ abe ari kw agirira n’ihema ry’ibonaniro, riri hagati yabo, mu buhumane bgabo.


Aheze yiyuhagirire ahantu hēra, yambare imyambaro yahorana, asohoke, yitangire ikimazi ciwe ubgiwe co kwoswa, atangire n’abantu icabo, yihongere ubgiwe, ahongere n’abantu.


Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe.


Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe, akerere iyo masa y’ikimazi c’ivyaha yitangiriye.


Uku ni k’Umwami Uhoraho agize, ati Mu kwezi kwa mbere, ku musi wakwo wa mbere, uze wābīre imasa y’umukangara idafise agasembga; uheze uz’ uhumanure ahēra.


Ntimuze mugire igikorwa na kimwe mukora kur’ uwo musi, kukw ar’ umusi w’ impongano, aho muzotangirwa impongano imbere yanje, jewe Uhoraho Imana yanyu.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite