Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:29 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

29 Ibi bize bibabere icagezwe c’intahava: mu kwezi kw’indwi, ku musi wakwo w’icumi, muze mwame mwibabaza; ntihaze hagire ūgira igikorwa awukorako, naho yoba imvukira, cank’ umunyamahanga aba muri mwebge.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:29
28 Referans Kwoze  

Barabaza, bati Mbeg’ igituma twisonzesha, nturuhe ubibona, ni ku ki? Igituma twibabaza, nawe ukavyirengagiza, ni ku ki? Erega mbiterwa n’uko ku musi wanyu wo kwisonzesha mupfa kwikorera ivyanyu, mugakoresha nabi abakozi banyu bose.


Ku musi w’icumi w’ukwo kwezi kw’indwi muze mukoranywe no kuba ikoraniro ryera; muze mwame muwibabazako, kandi ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako;


Maz’ arambgira, ati Nta co utinya, Daniyeli; kuk’ uhereye umusi washiriye umutima ku gutahura, no kwicisha bugufi imbere y’Imana yawe, amajambo yawe yarumviswe; kand’ ayo majambo yawe nyene ni yo anzanye.


Non’ ukwisonzesha nshima, mugira ngo kumeze gurtyo? Mugira ngo n’umusi wo kwibabarizamwo, no kujondamika umutwe nk’urufunzo, no kwisasira amagunira n’umunyota? Mbeg’ ivyo ni vyo mwita kwisonzesha, n’ umusi jewe Uhoraho nnezererwa?


Ariko jeho, uko bārwara, imyambaro yanje yaba amagunira, Nababarisha ubugingo bganje kwisonzesha, Ngasenga ncuritse umutwe mu gikiriza.


Mur’ iyo misi ukw ar’ indwi, uko bukeye muze munshikanire ibimazi bitōngōrwa n’umuriro; umusi ugira umunani muze muwugire uwo gukorana kwera: muze muwunshikanirekw ikimazi gitōngōrwa n’umuriro: rize ribe ikoraniro ry’agahebūza; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako.


Kur’ uwo musi nyene muze mutāngāze kw ar’ umusi mukuru: muze muwugire uwo gukorana kwera; ntihaze hagire igikorwa kiruhisha muwukorako: iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava mu ngo zanyu zose no ku runganwe rwanyu, uko ruzogenda rukurikirana.


arik’ umusi ugira indwi ni wo sabato yanje, jewe Uhoraho Imana yawe. Ntukagire igikorwa na kimwe ukora kuri wo, wewe ubgawe, cank’ umuhungu wawe, cank’ umukobga wawe, cank’ umugurano wawe, cank’ umuguranokazi wawe, cank’ inka zawe, cank’ uw’ inyambukīra aba i wawe:


Kuk’ ūshitse mu buruhukiro bgayo, na we aba aruhutse ibikorwa vyiwe, nk’ukw Imana yaruhutse ivyayo.


Arikw iyo twimenye uko turi, ntidutsindwa n’urubanza.


Nta binōbōye narya, nta nyama canke vino vyangera no mu kanwa kandi sinaruha nīsīga amavuta, gushitsa ah’ ayo mayinga ukw ar’ atatu yose ashiriye.


Ni wakūra ikirenge cawe, ngo ntukandagire isabato, ukareka gukora ivyo wigombeye ku musi wanje wera, arik’ ukita isabato umusi w’umunezero, mber’ umusi wanje wera ukawita uw’ icubahiro, ukawubaha, ntukore ivyo ugomba ubgawe, ntiwironderere gukora ivyawe, ntiwirirwe mu bijandijandi vy’ubusa,


Aho narira, ngahanisha umutima wanje kwisonzesha, Vyampindukiye ibitutsi.


Maz’ ukwezi kugira indwi kubonetse, kand’ Abisirayeli bamaze kwibera mu bisagara vyabo, abantu bakoranira i Yerusalemu icarimwe.


Nukw abagabo bose b’Abisirayeli bakoranira i bgami kwa Salomo, mu kwezi kwa Etanimu, ari kwo kwezi kw’indwi, ngo bagire imisi mikuru.


mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’ isabato yo kuruhuka bihebuje, n’ikoraniro ryera; ntimuze mugire igikorwa na kimwe muwukorako; n’isabato yanje Uhoraho, yo kwitonderwa mu ngo zanyu zose.


Aroni az’ ahongere ico gicaniro rimwe gusa mu mwaka; amaraso y’ikimazi c’impongano gitangirwa ivyaha az’ ayakoze ku mahembe yaco, abe ari yo akibera impongano rimwe gusa mu mwaka, ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana: ico gicaniro kizoba icera cane, cerejwe jewe Uhoraho.


Kandi ku musi w’intangamarāra mukoranywe no kuba ikoraniro ryera, no ku musi ugira indwi haze habe irindi nyene; ntihaze hagire igikorwa na kimwe gikorwa kur’ uwo musi, atar’ igikorwa c’inda gusa, ico conyene kize kibe ari co mukora.


Hashize igihe kirekire, kandi kujabuka kubaye irinde, kukw igihe co kwisonzesha cari gishize, Paulo arabahanūra,


Uti Nuko muze muziririze isabato, kukw ar’ iyera kuri mwebge; umuntu wese azoyizirūra ntaz’ abure kwicwa: mber’ uwogira ic’ akora cose kur’ uwo musi, az’ arandurwe mu bgoko bgabo.


Mu misi itandatu abe ari ho ibikorwa bikorerwa, arik’ ūgira indwi n’isabato yo kuruhūka bihebuje, yerejwe jewe Uhoraho: ūzogira igikorwa na kimwe akora kur’ uwo musi w’isabato, ntaz’ abure kwicwa.


Bize bibabere icagezwe c’intahava ukw ibihe vy’urunganwe rwanyu bizogenda bikurikirana, yuko mu ngo zanyu zose mutazokwigera mugeza mu kanwa ibinure cank’ ubuseri.


Nuko bakoranira i Misipa, bavoma amazi, bayavyagiza imbere y’Uhoraho; uwo musi barisonzesha, baravuga, bati Twaracumuye k’Uhoraho. Maze Samweli acīrira Abisirayeli imanza aho nyene i Misipa.


Maze ntāngāriza aho nyene kur’ urwo ruzi Ahava ivyo kwisonzesha, kugira ngo twicishe bugufi imbere y’Imana yacu, ngo tuyisabe iduhe kugira urugendo rwiza, twebge n’abana bacu n’ ibintu vyacu vyose.


Maze ku musi ugira icumi w’ukwezi kw’indwi muze muvugishe inzamba y’ijwi rirenga; ku musi w’impongano az’ abe ari ho muvugisha inzamba mu gihugu canyu cose.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite