Abalewi 16:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)26 Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje. Gade chapit la |
Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse.