Biblia Todo Logo
Bib sou entènèt

- Piblisite -




Abalewi 16:26 - Bibliya Yera 1951 1967 (Burundi)

26 Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.

Gade chapit la Kopi




Abalewi 16:26
19 Referans Kwoze  

(kukw ivyagezwe bitigeze kugira ico bihīngūra rwose) hasubizwah’ ivyizigiro bikiruta, biduhesha kwegera Imana.


Arikw imwe yerekanywe kw ar’ iyo gusendwa, ihagarikwe imbere yanje ikidora, kugira ngo yaturirwekw ivyaha, irungikwe kuba iyo gusenderwa mu bugaragwa.


Iryo rize ribabere ibgirizwa ry’ intahava. Kand’ ūzoba acucagiye ayo mazi ahumanura az’ amesure impuzu ziwe; ūzoyakorako azoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


kand’ uwabituriye amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.


Ūkoze kuri vyo wese azoba ahumanye; az’ amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Nyene guhumanurwa aheze amesure impuzu ziwe, yimoshe ahamera umushatsi hose, yiyuhagire, azoba ahumanutse, abone kugaruka aho mushagaje; arikw amare imisi ndwi abe hanze inyuma y’ihema ryiwe.


kandi n’uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi horamuka har’ ūriye ku muvyimba waco, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba; n’uwoterura umuvyimba waco, na we az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba.


Aroni aheze apfindire izo mpene zompi: ubupfindo bumwe bgerekane iyanje, ubundi bgerekane iyo gusendwa.


Kand’ ibinure vya ca kimazi catangiwe ivyaha avyosereze ku gicaniro.


Kand’ ibi ni vyo vyobahumanya: uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba;


Ikigendesha amajanja cose co mu bigenza amaguru ane vyose, n’igihumanya kuri mwebge; uwokora ku muvyimba wavyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kandi n’ uwogira ico aterura co ku muvyimba wavyo, az’ amesure impuzu ziwe, akomeze kuba ūhumanye gushitsa ku mugoroba: ivyo n’ ibihumanya kuri mwebge.


Ivyo vyose n’ibihumanya kuri mwebge mu binyonyera vyose; uwokora ku gipfuye muri vyo yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Kand’ ikintu cose cokorokerwako n’umuvyimba w’ico muri vyo coba gihumanye; kandi naho coba ikintu cose cabājwe mu giti, cank’ umwambaro, cank’ urusato, cank’ igunira, cank’ ikindi kintu iyo kiva kikagera gikoreshwa mu buryo ubg’ ari bgo bgose, gikwiye kwinikwa mu mazi, kibe igihumanye gushitsa ku mugoroba; aho ni ho kizoba gihumanutse.


Kand’ igikōko cose cank’ igitunzwe mu vyo mwemererwa kurya, hagize igipfuye, uwokora ku muvyimba waco yoba ahumanye gushitsa ku mugoroba.


Swiv nou:

Piblisite


Piblisite