25 Kand’ ibinure vya ca kimazi catangiwe ivyaha avyosereze ku gicaniro.
Maze wābīre urubambanda rwose rwōrōshe amara, n’agashami gatoya k’igitigu, n’amafyigo yompi, n’ ibinure bifashe kuri yo, uvyosereze ku gicaniro.
Aroni aheze yīgize hafi ya masa y’ikimazi co gutangirwa ivyaha, yo kwitangirira, yo kwitangirakw impongano bo n’urugo rwiwe.
Az’ ayikūremw’ ibinure vyayo vyose, avyosereze ku gicaniro.
Aheze yiyuhagirire ahantu hēra, yambare imyambaro yahorana, asohoke, yitangire ikimazi ciwe ubgiwe co kwoswa, atangire n’abantu icabo, yihongere ubgiwe, ahongere n’abantu.
Uwagiye gushibura ya mpene yasenzwe, amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abone kugaruka aho mushagaje.
Maz’ ico kimazi ciwe c’ishimwe agikūrekw ishikanwa anshikanira ryo gutōngōrwa n’umuriro, ribe urubambanda rwōrōshe amara, n’ibinure vyose bihometse ku mara,