24 Aheze yiyuhagirire ahantu hēra, yambare imyambaro yahorana, asohoke, yitangire ikimazi ciwe ubgiwe co kwoswa, atangire n’abantu icabo, yihongere ubgiwe, ahongere n’abantu.
kukw ivyo, hamwe n’ivy’ ivyo kurya n’ivyo kunywa n’ivyo kwiyuhagira bo n’ukwoza vy’uburyo bginshi, ar’ amabgirizwa yo mu buryo bg’abantu gusa, yashinzwe gushitsa igihe co gutunganywa.
ūzokora ku bimeze birtyo azoba ahumanye arinde ashitsa ku mugoroba; ntaz’ arye kur’ ivyo vyejejwe, shit’ abanje kwiyuhagira.
Ku musi ugira indwi yimoshe umushatsi wose wo ku mutwe, n’ubganwa n’ibigohe, amwe n’ uwundi wose; aheze amesure impuzu ziwe, yiyuhagire, abe ahumanutse.
Kandi n’abana ba Aroni na bo uz’ ubajishire amakanzo, ubajishire n’imikanda n’udukofero, bibe ivyo kubatēra icubahiro no kubashariza.
Iyo myambaro yose uz’ uyambike Aroni mukurwawe, bo n’abana biwe, ubasukekw amavuta, ubashikirize iryo bango, ubarobanure, kugira ngo bankorere igikorwa c’ubuherezi.
Kand’ ibinure vya ca kimazi catangiwe ivyaha avyosereze ku gicaniro.
Maze Mose abarira Aroni, at’ Egera igicaniro, witangire ikimazi c’ ivyaha, n’ico kwoswa, wihongere, uhongere n’abantu; utange n’ibimazi vy’abantu, ubahongere, nk’uk’ Uhoraho yageze.
Abaherezi iyo binjiye ahēra, ntibaze baveyo ngo baje mu ntangaro, badasizey’ imyambaro yabo y’ubuherezi, kukw ar’ iyera; ariko bambare iyindi myambaro, babone kwegerana n’abantu.